Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 22:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Igihe co kuzimana abatumire gishitse, atuma abakozi biwe guhamagara abatumiwe, ariko banka kuza.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Atuma abagendanyi biwe, ngo bahamagare abātōrewe gutaha ubukwe, banka kuza.

Gade chapit la Kopi




Matayo 22:3
30 Referans Kwoze  

Mpwemu w’Imana n’umugeni baravuga bati: “Kaze.” N’uwumvise aya majambo wese avuge ati: “Kaze.” Uwunyotewe wese naze, kandi uwushaka wese naze anywe ku mazi y’ubugingo ku buntu.


Ariko ku vyerekeye Isirayeli, Imana yaravuze iti: “Umusi wose niriwe nshanje amaboko, ndayategeye ubwoko butumvira kandi bw’intagondwa.”


yamara ntimushaka kuza aho ndi ngo muronke ubwo bugingo.


Abayuda babonye ayo masinzi bagira ishari, batangura kuvuga ibinyuranye n’ivyo Pawulo yariko aravuga, banamutuka.


Abo bansi banje na bo badashaka ko ndababera umwami, nimubazane hano mubicire imbere yanje.’ ”


Wa muhungu mukuru aca arashavura, yanka no kwinjira mu nzu. Se aca arasohoka aja kumuhoyahoya,


Yewe Yerusalemu, yewe Yerusalemu! Wewe wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko. Ni kangahe nagerageje kwegeranya abana bawe nk’uko inkoko yegerenya imiswi yayo mu mababa yayo, ariko ukanyankira!


Yewe Yerusalemu, yewe Yerusalemu! Wewe wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagerageje kwegeranya abana bawe nk’uko inkoko yegeranya uduswi twayo mu mababa yayo, ariko ukanyankira!


avuga ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”


Mwirinde ntimwanke kwumviriza uwuriko aravuga. Kuko nimba Abisirayeli batashoboye gukira igihano igihe banka kwumviriza Mose ariko arabagabisha kw’isi, natwe ntidushobora gukira igihano nitwanka kwumviriza uwuvuga ari mw’ijuru.


Hageze igihe co kwimbura, arungika abakozi biwe ngo baje gutora igice c’umwimbu kimwegukira.


Yesu arabishura ati: “Mbega abatumire b’umukwe bogandara bakiri kumwe na we? Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe rero bazoheza bisonzeshe.


Ni co gituma Kristo ari umuhuza w’isezerano rishasha hagati y’Imana n’abantu, kugira ngo abahamagawe bose baronke imihezagiro idashira Imana yabasezeraniye. Kuko Kristo yapfuye kugira ngo abakize igihano c’ivyaha bakoze bakiri mw’isezerano rya mbere.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite