Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 22:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Barungika bamwe mu bigishwa babo bari kumwe n’abashigikiye Herode Antipa. Baramubwira bati: “Mwigisha, turazi ko utunganye, kandi ko wigisha inzira ihimbara Imana mu kuri kwose. Ntuhengamira ku ruhande na rumwe kuko utarobanura abantu ufatiye ku cubahiro cabo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Bamutumakw abigishwa babo hamwe n’abantu ba Herode, bati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umunyakuri, kandi ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri, kandi k’udatinya umuntu n’umwe ku kigohe; kuk’ udatinya ijunja ry’abantu:

Gade chapit la Kopi




Matayo 22:16
36 Referans Kwoze  

Abafarisayo baca baragenda baja inama n’abayoboke ba Herode, barondera ingene bokwica Yesu.


Ba bantu babaza Yesu bati: “Mwigisha, turazi ko uvuga kandi wigisha ivy’ukuri. Nta ho uhengamira, kandi wigisha inzira y’Imana mu kuri kwose.


Baza aho ari baramubaza bati: “Mwigisha, turazi ko uri umuntu w’imvugakuri. Wewe ntutinya igitsure c’abantu, kuko ntuterwa ubwoba n’igihagararo cabo, ahubwo wigisha inzira ihimbara Imana mu kuri kwose. None tubwire: Biremewe gutanga ikori turiha Kayisari canke ntivyemewe?


Bariko barajabuka arabagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’uwa Herode.”


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


Pilato aramubwira ati: “Urumva rero uri Umwami!” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi Umwami. Icatumye mvuka nkaza kw’isi kwari ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Umuntu wese akunda ukuri aranyumviriza.”


Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.


Uwuvuga amajambo yiwe ubwiwe, aba arondera icubahiro ciwe, ariko uwurondera icubahiro c’uwamutumye avuga ukuri, nta binyoma biri muri we.


Ariko ubwenge buva mw’ijuru ubwa mbere na mbere buratunganye rwose; bukunda amahoro, ntibwishira imbere, buciye bugufi, bwuzuye imbabazi, bwama ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibugira uburyarya.


Ariko, twabigisha nk’abantu bemewe n’Imana ikongera ikabazeza kuvuga Ubutumwa Bwiza. Ntituriko tugerageza kunezereza abantu, ariko dushaka kunezereza Imana, kuko ari yo isuzuma ivyiyumviro biri mu mitima yacu.


Abarongozi b’imbere mw’ishengero nta co bari bafise bongera ku butumwa navuga. Kandi icubahiro cabo nta co cari kimbariye, kuko nzi ko Imana itarobanura abantu ku butoni.


Jewe ubu noba nkirondera kwemerwa n’abantu, aho kurondera kwemerwa n’Imana? Canke ubu noba nkirondera kunezereza abantu? Iyo mba nkirondera kunezereza abantu, simba ndi umukozi wa Kristo.


Ni co gituma uhereye ubu ata we tuciyumvirako twisunze ubwenge bw’abantu. Naho kera Kristo twamwiyumvira twisunze ubwenge bw’abantu, ubu si ko bikiri.


Ariko twahevye ibiterasoni vyose twakora twinyegeje; ntidukoresha ubugunge, ntitugoramika ijambo ry’Imana. Ahubwo tuvugira ukuri ahabona, kugira ngo abantu bamenye abo turi imbere y’Imana.


Twebwe ntituvuga ijambo ry’Imana turondera inyungu nk’uko benshi babigira. Ahubwo muri Kristo tuvuga ukuri kwo mu mitima yacu turi imbere y’Imana, nk’abatumwe na yo.


Yesu aca aramubwira ati: “Simoni, ndafise ico ndakubwira.” Simoni na we ati: “Mbarira, Mwigisha!”


Yesu afashe urugendo rwiwe aja i Yerusalemu, haza umuntu yiruka aja iyo ari, apfukama imbere yiwe, aramubaza ati: “Mwigisha mwiza, nokora iki kugira ngo nze ndagwe ubugingo budashira?”


Maze Yuda aca agenda atumbereye Yesu, avuga ati: “Ndakuramukije Rabi!” Aca aramusoma.


Arabishura ati: “Nimugende mu gisagara, maze muraja kubona umuntu, mumubwire muti: Umwigisha avuze ko isaha yiwe yegereje, kandi ko agomba gusangirira n’abigishwa biwe ivya Pasika iwawe.”


Uwa kabiri na we nyene apfa atavyaye, n’uwugira gatatu bigenda gutyo kugeza ku wugira indwi.


“Mwigisha, Mose yavuze ko umugabo apfuye adasize abana, uwo bavukana ategerezwa gucura umupfakazi wiwe kugira ngo aronkere uruvyaro uwo yapfuye.


Mu nyuma abakuru b’idini barungika bamwe mu Bafarisayo bari kumwe n’abashigikiye Herode Antipa kugira ngo batege umutego Yesu, bamufatire ku majambo avuga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite