Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 21:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, hamwe mwogira ukwizera ntimukekeranye na gatoya, namwe mwoshobora gukora ivyakorewe urya musukoni, mbere mwokora n’ibibirengeye. Mwoshobora no kubwira urya musozi muti: ‘Shinguka witerere mu kiyaga,’ kandi ni ko vyogenda.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Yesu arabishura, ati Ndababgire ukuri: Iyo muba muri n’ukwizera, mudakekeranya, ntimwokora ic’ uyu musukoni gusa, ariko mwobgira n’uyu musozi, muti Shingūka, utabge mu kiyaga; vyoba ko.

Gade chapit la Kopi




Matayo 21:21
9 Referans Kwoze  

Ariko igihe asaba, abe yizeye adakekeranya, kuko umuntu akekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, uhuhwa kandi uzungagizwa n’umuyaga.


Yesu arabishura ati: “Ni kubera ukwizera guke kwanyu. Ndababwire ukuri, iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride, mwobwira uriya musozi muti: ‘Imuka uve ngaha,’ kandi woca wimuka. Nta kintu na kimwe kitobashobokera. [


Naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkagira ukwizera kwokwimura imisozi ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.


mu gihe abari bateguriwe ubwo bwami bazoba baterewe hanze, mu mwijima aho bazokwama baboroga kandi bahekenya amenyo kubera umubabaro.”


Abigishwa biwe babibonye, baratangara cane. Baca babaza Yesu bati: “Ko uwo musukoni wumye ningoga?”


Yesu aramubwira ati: “Ingo.” Petero aca ava mu bwato, atangura kugendagenda ku mazi aja iyo Yesu ari.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite