Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 21:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Abandi bakishura bati: “Ni Yesu, umuvugishwa w’i Nazareti mu ntara ya Galilaya.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Abo mw ishengero barabishura, bat’ Uyo n’ūvugishwa n’Imana, Yesu w’i Nazareti i Galilaya.

Gade chapit la Kopi




Matayo 21:11
20 Referans Kwoze  

Abantu babonye igitangaza Yesu akoze baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu ni wa muvugishwa twari twiteze kw’isi.”


Bumvise ayo majambo, bamwe mu bantu bari aho baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu muntu ni uwuvugishwa n’Imana!”


Abari aho bose baterwa n’ubwoba, bongera bashima Imana, bati: “Uwuvugishwa n’Imana ahambaye yatwiyeretse, Imana yaje gutabara abantu bayo.”


Uwo ni Mose nyene yabwiye Abisirayeli ati: ‘Imana izobahagurukiriza umuvugishwa ameze nkanje muri mwebwe.’


Nuko basubira kubaza umwe yahoze ari impumyi bati: “None wewe wibaza iki kuri uwo muntu yagukijije ubuhumyi?” Wa muntu arabishura ati: “Ni uwuvugishwa n’Imana.”


baca baja kuba mu gisagara citwa Nazareti. Uko ni ko ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyashitse ngo: “Azokwitwa Umunyenazareti.”


Wa mugore aramwishura ati: “Nyakwubahwa, ndabona ko uri uwuvugishwa n’Imana.


Na bo baramubaza bati: “None uri nde? Woba uri Eliya?” Na we ati: “Sindi we.” Na bo bati: “Woba uri wa muvugishwa n’Imana?” Arabishura ati: “Oya.”


Abandi bavuga bati: “Ni Eliya.” Hariho n’abandi babavuga bati: “Ni uwuvugishwa n’Imana, asa n’umwe mu bavugishwa n’Imana ba kera.”


Na we arababaza ati: “Ni ibiki vyabaye?” Baramwishura bati: “Ni ivya Yesu w’i Nazareti. Yari umuvugishwa n’Imana, yuzuye ubushobozi mu vyo yavuga no mu vyo yakora, imbere y’Imana n’imbere y’abantu.


Nuko baramubaza bati: “None nimba utari Kristo, ntube Eliya, canke uwuvugishwa n’Imana, ni kuki ubatiza?”


Uko biri kwose, ntegerezwa kubandanya urugendo rwanje uno musi n’ejo na hirya y’ejo, kuko nta handi umuvugishwa akwiriye kwicirwa atari i Yerusalemu.


Wa Mufarisayo yamutumira abibonye, atangura kwivugana mu mutima ati: “Iyaba uwu muntu yari uwuvugishwa n’Imana, yari kumenya uwuriko aramukorako, akamenya uwu mugore uwo ari we, ko ari umunyavyaha.”


Yesu yinjiye i Yerusalemu, mu gisagara cose haba uruhagarara. Abantu bakaja barabazanya bati: “Uwo ni nde?”


Kandi nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku bantu,’ dukwiye guca twirinda abantu, kuko bose baremera ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”


Baca barondera ingene bomufata, ariko batinya abantu kuko kuri bo Yesu yari uwuvugishwa n’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite