Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 2:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Bamaze kwumva ivyo umwami ababariye, baca babandanya urugendo. Ya nyenyeri babona mu buseruko ica ibaja imbere kugeza ihagaze hejuru y’aho uwo mwana yari ari.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Na bo bumvise iry’ umwami, baragenda. Maz’ iyo nyenyeri bābonye i burasirazuba irabarōngōra, irinda ishika hejuru y’ah’ uwo mwana ari, ihagararaho.

Gade chapit la Kopi




Matayo 2:9
7 Referans Kwoze  

Barabaza bati: “Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Twabonye inyenyeri yiwe mu buseruko none tuzanywe no kumusenga.”


Kandi dufise n’ijambo ry’ubuvugishwa rirushaho kuba iryo kwizerwa. Namwe muzoba mugize neza nimwaryumvira kuko rimeze kurya kw’itara rimurikira ahantu hari umwijima, gushika umutwenzi ubonetse, aho inyenyeri yo mu gaturuturu izoserukira mu mitima yanyu.


Aca arabarungika i Betelehemu, ababwira ati: “Genda mubaze neza ivyerekeye uwo Mwana. Mumaze kumubona, muce mugaruka mumbwire kugira ngo nanje nje kumushengerera.”


Babonye ya nyenyeri ihagaze bagira umunezero mwinshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite