Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 2:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Aca akoranya abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe, ababaza ati: “Vyanditswe ko Kristo azovukira hehe?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Akoranya abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bose bo mur’ ubgo bgoko, arababaza, ati Kristo azovukira hehe?

Gade chapit la Kopi




Matayo 2:4
30 Referans Kwoze  

Maze urwamo ruba rwinshi, hanyuma bamwe mu bigisha b’Ivyagezwe b’Abafarisayo bava hasi bavuga bashize amanga bati: “Uwu muntu twebwe tubona ata caha kimwagira. Nta wubizi, yoba yavuganye n’impwemu canke n’umumarayika!”


Maze baca bagumura abantu bose, harimwo n’abashingantahe b’ubwo bwoko n’abigisha b’ivyagezwe, bafata Sitefano, bamutwara imbere y’inama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko.


Yesu aca asubira mu rusengero hanyuma atangura kwigisha, abakuru b’abaherezi n’abakuru b’Abayuda baza aho ari baramubaza bati: “Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?”


kuko yigishanya ububasha, mu buryo butandukanye n’ubw’abigisha b’ivyagezwe babo.


Bukeye, abatware, abashingantahe n’abigisha b’ivyagezwe bakoranira i Yerusalemu.


Nuko Yuda aja muri iryo tongo, ajanye n’umurwi w’abasoda n’abarinzi b’urusengero barungitswe n’abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo. Bari bafise ibimuri, amatara n’ibigwanisho.


Abigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo bazana umugore bafashe ariko arasambana, bamuhagarika imbere y’abari aho bose.


Abafarisayo bumvise ivyo abantu bariko barongoreranira kuri Yesu, baca bafatanya n’abakuru b’abaherezi batuma abarinzi b’urusengero gufata Yesu.


Yesu aramwishura ati: “Wewe ko uri umwigisha yubashwe muri Isirayeli, bigenda gute ngo ntutahure ibi?


Abakuru b’aherezi n’abigisha b’ivyagezwe bari bahagaze ngaho, bamwagiriza bashimitse.


Abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’abaherezi barondera ingene bomufata ubwo nyene, kuko bari batahuye ko ari bo ariko aravuga muri uwo mugani, ariko batinya abantu.


Yesu aca atangura kubigisha ababwira ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi; akankwa n’abatware, n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe; kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.


Kare mu gitondo, abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda bagira inama yo kwica Yesu.


Yesu akiriko aravuga, Yuda umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, arashika. Inyuma yiwe hari isinzi ry’abantu bitwaje inkota n’amahiri, barungitswe n’abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda.


Uwo mwanya, abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda, bakoranira mu rugo rw’umuherezi mukuru Kayafa,


Ariko, abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe bamaze kubona ibitangaza bihebuje akoze n’ingene abana baguma basemerera mu rusengero bavuga bati: “Hozana mwana wa Dawidi!” Maze barashavura cane.


Na we arababwira ati: “Ni co gituma umwigisha wese w’ivyagezwe, iyo ahindutse umwigishwa mu Bwami bw’ijuru, agereranywa n’umuntu yinjira mu nzu yiwe, agakura mu bubiko bwiwe ivyiza bishasha hamwe n’ivya kera.”


Umwami Herode yumvise iyo nkuru yaciye abura amahoro, hamwe n’ab’i Yerusalemu bose.


Baramwishura bati: “Ni i Betelehemu mu ntara ya Yudaya, kuko ari ko vyanditswe n’uwavugishwa n’Imana ngo:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite