Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 2:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Umwami Herode yumvise iyo nkuru yaciye abura amahoro, hamwe n’ab’i Yerusalemu bose.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Umwami Herode avyumvise, ahagarikana umutima n’ab’i Yerusalemu bose.

Gade chapit la Kopi




Matayo 2:3
14 Referans Kwoze  

Yewe Yerusalemu, yewe Yerusalemu! Wewe wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagerageje kwegeranya abana bawe nk’uko inkoko yegeranya uduswi twayo mu mababa yayo, ariko ukanyankira!


Bamubonye, abo badayimoni baca barasemerera bati: “Uturonderako iki ga Mwana w’Imana? Uje kutubabaza kandi igihe cacu kitaragera?”


Maze bararaka cane kuko izo ntumwa zariko zigisha abantu ko muri Yesu hari ukuzuka kw’abapfuye.


Barabaza bati: “Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Twabonye inyenyeri yiwe mu buseruko none tuzanywe no kumusenga.”


Aca akoranya abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe, ababaza ati: “Vyanditswe ko Kristo azovukira hehe?”


Muzokwumva intambara n’inkuru zivuga ivy’intambara hirya no hino, ariko ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.


Nimwumva intambara n’inkuru zivuga ivy’intambara hirya no hino, ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite