Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 2:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 baca baja kuba mu gisagara citwa Nazareti. Uko ni ko ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyashitse ngo: “Azokwitwa Umunyenazareti.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Ashitseyo, agerēra mu gisagara citwa Nazareti, ngw ivyavuzwe n’abāvugishwa n’Imana bishike, ngw Azokwitwa Umunyanazareti.

Gade chapit la Kopi




Matayo 2:23
20 Referans Kwoze  

“Yesu w’i Nazareti, uturonderako iki? Uzanywe no kuduhonya? Ndazi uwo uri we. Uri Uwera w’Imana!”


Hanyuma aragenda ahagarara hafi y’irembo, uwundi mwigeme w’umukozi w’aho na we aramubona aca abwira abari ngaho ati: “Uwu mugabo yari kumwe na Yesu w’i Nazareti.”


Ivyo vyose vyabaye kugira ngo ivyo Umwami Imana yari yaravugishije abavugishwa na we bishike, ngo:


Twasanze uwu mugabo ari inkozi y’ikibi. Agumura Abayuda aho bari kw’isi yose akabatera kugarariza. Ni we arongoye idini ry’ubuzimire ry’Abanazareti,


Yemwe Bisirayeli, Yesu w’i Nazareti yari umuntu yashingiwe intahe n’Imana mu bitangaza, utwumiza n’ibimenyetso Imana yamukoresheje muri mwebwe, nk’uko ubwanyu mubizi.


Maze Pilato ategeka ko bandika icandiko bakakimanika ku musaraba. Ico candiko cavuga ngo: yesu w’i nazareti, umwami w’abayuda.


Yesu yongera arababaza ati: “Murondera nde?” Baramwishura bati: “Yesu w’i Nazareti.”


Baramwishura bati: “Yesu w’i Nazareti.” Na we ababwira ati: “Ni jewe.” (Kandi Yuda, uwagira amugurishe, yari ahagararanye na bo.)


Yosefu na Mariya bahejeje gukora ibitegekanijwe n’ivyagezwe vy’Uhoraho, baca basubira i Galilaya mu gisagara cabo ca Nazareti.


Elizabeti amaze amezi atandatu yibungenze, Imana irungika umumarayika Gaburiyeli mu gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti,


Abandi bakishura bati: “Ni Yesu, umuvugishwa w’i Nazareti mu ntara ya Galilaya.”


Muri ico gihe, Yesu ava i Nazareti mu ntara ya Galilaya, aja ku ruzi Yorodani, abatizwa na Yohana.


Na bo bayibwira bati: “Ni Yesu w’i Nazareti ariko ararengana.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite