Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 2:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 agumayo kugeza Herode apfuye. Uko ni ko Umwami Imana yashikije ivyo yari yaravuze aciye ku wavugishwa na we ngo: “Nahamagaye umwana wanje ngo ave muri Egiputa.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 agumayo gushitsa Herode amaze gutanga, ngw ivyo Umwami Imana yavugiye mu wavugishwa na we bishike, ngo Nahamagaye umwana wanje ngw ave muri Egiputa.

Gade chapit la Kopi




Matayo 2:15
21 Referans Kwoze  

Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


Ivyo vyose vyabaye kugira ngo ivyo Umwami Imana yari yaravugishije abavugishwa na we bishike, ngo:


Ariko none Ivyanditswe vyera bivuga ko bitegerezwa kugenda gutya, vyoshitswa gute?”


Ivyo vyabaye kugira ngo ijambo ry’uwavugishwa n’Imana rishike; ryavuga ngo:


Ivyo yabikoze kugira ngo ijambo uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze rishike, aho yavuze ati: “Yikoreye ubumuga bwacu, yishirako ingwara zacu zose.”


baca baja kuba mu gisagara citwa Nazareti. Uko ni ko ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyashitse ngo: “Azokwitwa Umunyenazareti.”


Herode amaze gupfa, umumarayika w’Umwami Imana abonekera Yosefu mu ndoto ari muri Egiputa,


Uko ni ko ivyo uwavugishwa n’Imana Yeremiya yavuze vyashitse ati:


Ibi vyabaye kugira ngo hashitswe Ivyanditswe bivuga ngo: “Nta na rimwe mu magufa yiwe rizovunika.”


Inyuma y’ivyo, Yesu amenye ko vyose birangiye, kandi kugira ngo Ivyanditswe bishike, aravuga ati: “Ndanyotewe.”


Ariko, ibi vyose bibaye kugira ngo Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana bishike.” Ubwo nyene abigishwa biwe bose baramuta barahunga.


ababwira ati: “Bene Data, Ivyanditswe vyategerezwa gushika kuri Yuda, umwe yaza arongoye abaje gufata Yesu. Ivyo Mpwemu Yera yari yarabivuze kera aciye kuri Dawidi.


Bamubamba ku musaraba, hanyuma bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo,


Yosefu avyuka hakiri mw’ijoro, afata umwana na nyina, abahungishiriza muri Egiputa,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite