Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 19:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Gutyo ntibaba bakiri babiri, ahubwo baba babaye umwe. None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Bituma batakiri babiri, ariko baba babaye umubiri umwe. Nukw ico Imana yamatanije, umuntu ntaz’ akimature.

Gade chapit la Kopi




Matayo 19:6
10 Referans Kwoze  

None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura.”


Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.


Nk’akarorero, umugore yubatse, amategeko amufatanya n’umugabo wiwe mu gihe cose uwo mugabo akiriho, ariko uwo mugabo apfuye, ayo mategeko ntaba akimumuboheyeko.


Muri iyo nzira nyene, abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe abayikunda.


hanyuma akavuga ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze naho ari babiri bakaba umubiri umwe?’


Baramubaza bati: “None ni kuki Mose yategetse ko umugabo yandikira umugore urwandiko rwemeza ko bavavanuye, hanyuma akamwirukana?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite