Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 19:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 hanyuma akavuga ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze naho ari babiri bakaba umubiri umwe?’

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 ikavuga, iti Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, bompi bakaba umubiri umwe?

Gade chapit la Kopi




Matayo 19:5
19 Referans Kwoze  

Umugore ntaganza umubiri wiwe kuko ni uw’umugabo wiwe, kandi n’umugabo ntaganza umubiri wiwe kuko ni uw’umugore wiwe.


Ariko kubera ubusambanyi buhari, umugabo wese akwiye kugira umugore wiwe, kandi umugore wese akwiye kugira umugabo wiwe.


“Ku bw’ivyo, nk’uko Ivyanditswe bivuga, umugabo azosiga se na nyina abane n’umugore wiwe ubutakivana, maze bompi babe nk’umubiri umwe.”


Mbega ntimuzi ko uwifatanije n’umumaraya aba abaye umwe na we mu mubiri? Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Uko ari babiri bazohinduka umubiri umwe.”


Urukundo rwanyu ntirube urw’agahemo. Mwanke ibibi, mwumire ku vyiza.


Gutyo ntibaba bakiri babiri, ahubwo baba babaye umwe. None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite