Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 18:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Kandi nimba ijisho ryawe rituma ukora icaha, rinogore urite kure yawe, kuko vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ijisho rimwe hako utererwa mu muriro wa Gehinomu ufise amaso yompi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kand’ ijisho ryawe ni ryagutsitaza, urinogore urite kure; vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo upfuye ijisho, hak’ utererwa muri Gehinomu y’umuriro ufise amaso yompi.

Gade chapit la Kopi




Matayo 18:9
11 Referans Kwoze  

binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”


Nimba ukuboko kwawe canke ukuguru kwawe gutuma ukora icaha, guce ugute kure yawe. Kuko vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ukuboko kumwe canke ukuguru kumwe, hako utererwa mu muriro utazozima ufise amaboko yompi n’amaguru yompi.


Ijisho ryawe ry’i buryo niryatuma wipfuza, ukagwa mu caha, urikureyo urite kure yawe, kuko vyokubera vyiza kubura igihimba kimwe c’umubiri wawe hako umubiri wawe wose utabwa muri Gehinomu.


ariko jeho ndababwira ko umuntu wese ashavurira mwenewabo aba akwiye gucirwa urubanza kandi uwubwiye umuvukanyi ngo: Wa mburabwenge we, aba akwiye guhanwa n’abacamanza. Kandi uwubwiye umuntu ngo: Wa musazi we aba akwiye gutererwa mu muriro wa Gehinomu.


Nta kintu gihumanye na kimwe kizokwinjirayo, kandi nta wukora ibiterasoni canke umubeshi azogerayo. Hazojayo abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’intama gusa.


Muze natwe dukore ibishoboka vyose kugira ngo twinjire aho hantu ho kuruhukira Imana yateguye; ntihagire uwo muri twebwe agwa kubera ukutizera nk’uko vyabaye ku Bisirayeli.


Ijisho ryawe niryatuma ukora icaha, rinogore. Vyokubera vyiza kwinjira mu Bwami bw’Imana ufise ijisho rimwe, hako utererwa muri Gehinomu ufise amaso yompi,


Yesu aramwishura ati: “Ni kuki umbaza ivyerekeye iciza? Umwiza ni umwe. Nimba ugomba kwinjira mu bugingo, kurikiza amabwirizwa.”


Mbega umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe? Canke umuntu yotanga iki kugira ngo acungure ubugingo bwiwe?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite