Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 18:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Nimba ukuboko kwawe canke ukuguru kwawe gutuma ukora icaha, guce ugute kure yawe. Kuko vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ukuboko kumwe canke ukuguru kumwe, hako utererwa mu muriro utazozima ufise amaboko yompi n’amaguru yompi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ukuboko kwawe cank’ ikirenge cawe ni hagira ikigutsitaza muri vyo, ugice, ugite kure; vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo ucitse igikonjo cank’ ikirenge, hak’ utererwa mu muriro utazima ufise amaboko yompi n’ibirenge vyompi.

Gade chapit la Kopi




Matayo 18:8
22 Referans Kwoze  

Ijoro riritereye, bugira buce. Kubera ivyo, twiyambure ibikorwa vy’umwijima, twambare ibigwanisho vy’umuco.


Umuntu wese atasanze izina ryiwe ryanditswe mu gitabu c’ubugingo, atererwa muri ico kiyaga caka umuriro.


na we nyene azonywa ku muvinyu w’uburake bw’Imana, wasutswe mu gikombe c’ubushangashirwe bw’Imana utavanze. Azobabarizwa mu muriro n’ibizuku vyaka imbere y’abamarayika n’imbere ya wa Mwagazi.


Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


Nuko rero, umuntu wese muri mwebwe adaheba ivyiwe vyose, ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Hanyuma bazoca baja mu gihano c’ibihe bidashira, ariko abagororotsi bo bazoja mu bugingo budashira.”


Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe.


Wa mutunzi arasemerera ati: ‘Data Aburahamu, ngirira ikigongwe, urungike Lazaro, akoze isonga ry’urutoke rwiwe mu mazi, ampfuvye ku rurimi kuko ndiko ndababarizwa cane muri uno muriro.’


Ariko, kugira ngo ntituboneke nabi imbere y’aba batoza iri kori, genda ku kiyaga utere igera urobe. Ifi ya mbere uza kuroba, uyasamike; maze urayisangamwo igiceri kinini c’ifeza coriha ikori ryawe n’iryanje, uheze ugitange.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite