Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 18:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nihagira umuntu atuma umwe muri aba bato banyizera acumura, ikimukwiye ni uko yoboherwa urusyo kw’izosi, agakororerwa i bwina mu kiyaga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Arik’ ūzotsitaza n’umwe mur’ abo bato banyizera, icoroshe n’uko yohambirirwa urusyo ruremereye kw izosi, akadobezwa i bgina mu kiyaga.

Gade chapit la Kopi




Matayo 18:6
16 Referans Kwoze  

Nihagira umuntu atuma umwe muri aba bato banyizera acumura, ikimukwiye ni uko yoboherwa urusyo kw’izosi, agatererwa mu kiyaga.


Mwirinde ntimugakengere umuntu n’umwe muri aba bato, kuko ndababwira yuko abamarayika babo bama bahanze amaso Data wo mw’ijuru. [


Uko ni ko na So wo mw’ijuru atagomba ko hagira n’umwe muri barya bato azimira.


Ni vyiza kutarya inyama canke kutanywa umuvinyu canke kudakora ikindi kintu na kimwe cotuma mwene Data wundi agwa mu caha.


Na we arabaza ati: “Uri nde ga Mwami?” Rya jwi na ryo riti: “Ndi Yesu, uwo uriko urahama.


Ariko, kugira ngo ntituboneke nabi imbere y’aba batoza iri kori, genda ku kiyaga utere igera urobe. Ifi ya mbere uza kuroba, uyasamike; maze urayisangamwo igiceri kinini c’ifeza coriha ikori ryawe n’iryanje, uheze ugitange.”


Umuntu wese yakira umwana muto mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite