Naho ingwara yanje yari ikigeragezo kuri mwebwe, ntimwigeze munsuzugura canke ngo mungaye. Ariko mwanyakiriye nk’umumarayika w’Imana, canke nk’aho ari Kristo Yesu ubwiwe.
Arababarira ati: “Uwakira umwana muto nk’uwu mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye; kandi uwunyakiriye wese aba yakiriye uwantumye. Uwa nyuma muri mwebwe ni we mukuru muri mwese.”