8 Bunamuye amaso, ntibagira uwundi babona atari Yesu.
8 Bunamuye amaso, ntibagira uwundi babona, atari Yesu wenyene.
Iryo jwi rihejeje kwumvikana, basanga Yesu asigaye ari wenyene. Ba bigishwa baca barahora, muri iyo misi ntibabwira umuntu n’umwe ivyo babonye.
Ako kanya nyene, baravye hirya no hino, basanga Mose na Eliya bagiye, basigaranye na Yesu gusa.
Maze Yesu arabegera abakorako, ababwira ati: “Nimuve hasi, nta co mutinya.”
Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe mubwira ivyo mwabonye, kugeza Umwana w’Umuntu amaze kuzuka mu bapfuye.”