Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 17:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ubwo nyene baja babona Mose na Eliya bariko bavugana na Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maze Mose na Eliya barababonekera, bavugana na we.

Gade chapit la Kopi




Matayo 17:3
22 Referans Kwoze  

Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


Hanyuma ba bigishwa batatu babona Eliya na Mose baganira na Yesu.


Nuko ahera ku vyanditswe na Mose n’abavugishwa bose, abasigurira ico Ivyanditswe bimuvugako.


Igihe c’ivyagezwe vya Mose n’abavugishwa cagarukiye kuri Yohana. Kuva ico gihe, ubutumwa bwiza bw’Ubwami bw’Imana buravugwa, kandi abinjira muri ubwo Bwami barabubandanira.


Mose na Eliya bakiriko baratandukana na Yesu, Petero aramubarira ati: “Mwigisha, bitubereye vyiza kuba hano. Reka tuhashinge amahema atatu: iryawe, irya Mose, n’irya Eliya.” (Ariko Petero ntiyari azi ivyo ariko aravuga.)


Azogendera imbere y’Umwami Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya, kugira ngo agarukane imitima y’abavyeyi ku bana babo, abatumvira Imana na bo abagarukane ku bwenge bw’abagororotsi; uko ni ko azotegurira abantu kwakira Umwami Imana.”


Ivyagezwe vyatanzwe biciye kuri Mose, ariko ubuntu n’ukuri twabihawe biciye muri Yesu Kristo.


Bari ngaho, akayanganira imbere yabo, mu maso hiwe hakaka nk’izuba, impuzu ziwe zica ibibatsi kandi zera derere kurya kw’umuco.


Petero abwira Yesu ati: “Mwami, bitubereye vyiza kuba hano hantu. Ubikunze, reka ndahashinge amahema atatu: iryawe, irya Mose, n’irya Eliya.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite