Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 17:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Ariko ndababwire, Eliya yaramaze kuza, yamara ntibamumenye, ahubwo bamukoreye ivyo bishakiye. Uko ni ko n’Umwana w’Umuntu bagiye kumugirira nabi.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ariko ndababgira yuko Eliya yamaze kuza, yamara ntibāmumenye, ariko bamwigiriye uko bagomba kwose. Uko ni ko n’Umwana w’umuntu agira ababazwe na bo.

Gade chapit la Kopi




Matayo 17:12
25 Referans Kwoze  

Kuva ico gihe, Yesu atangura kubwira abigishwa biwe ko ategerezwa kuja i Yerusalemu, akababazwa mu buryo bwinshi n’abakuru b’idini, n’abaherezi bakuru n’abigisha b’ivyagezwe, kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.


Nuko rero nimumenye neza ibi, mwebwe hamwe n’ubwoko bwose bwa Isirayeli: uwu muntu ahagaze imbere yanyu yakize mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, uwo mwabamvye, ariko Imana ikamuzura mu bapfuye.


Mbega hari umuvugishwa n’umwe ba sogokuruza banyu batahamye? Mbere bishe n’abavugishijwe ku kuza kwa wa Umugororotsi. None namwe ubu mwaramugurishije, muramwica,


Uwo Yesu yatanzwe mu maboko yanyu ku bw’umugambi Imana yari yatareguye kuva kera, maze namwe mufashijwe n’abanyakibi n’abanyamahanga, mumwica mumubamvye ku musaraba.


Yaje mu biwe, ariko abiwe ntibamwakira.


Kuko Yohana Umubatizi yaje atarya, atanywa n’umuvinyu, muvuga muti: ‘Arimwo dayimoni.’


Kuko Yohana yaje akabereka inzira yo kugororoka, ariko ntimwamwemeye, yamara abatozakori n’abamaraya baramwemeye. Ivyo mumaze kubibona, ntimwihanye ivyaha vyanyu ngo mumwizere.


Yohana ari mw’ibohero, yumva ivyerekeye ibikorwa vya Kristo, hanyuma amutumako abigishwa biwe kumubaza bati:


Yesu aramwishura ati: “Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo n’inyoni zo mu kirere zirafise ivyari, ariko Umwana w’Umuntu ntagira n’aho akika umusaya.”


Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe mubwira ivyo mwabonye, kugeza Umwana w’Umuntu amaze kuzuka mu bapfuye.”


Yesu arabishura ati: “Ni ukuri, Eliya ategerezwa kubanza kuza kugira ngo asubize vyose mu buryo.


Abigishwa baca batahura ko yariko avuga Yohana Umubatizi.


Umusi umwe, bakoraniye i Galilaya, Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite