Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 17:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Haheze imisi itandatu, Yesu ajana Petero, Yakobo na mwene nyina Yohana, abadugana ku musozi muremure, kugira ngo abe aragumanye na bo bonyene.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Imisi itandatu ishize, Yesu ajana Petero na Yakobo na mwene nyina Yohana, abadūgana igisozi kirekire ari bonyene.

Gade chapit la Kopi




Matayo 17:1
10 Referans Kwoze  

Ahitana Petero na bene Zebedayo, hanyuma atangura kugira umubabaro mwinshi n’agahinda.


Ntiyemerera umuntu n’umwe kumukurikira kiretse Petero, Yakobo na Yohana mwene nyina wa Yakobo.


Twebwe ubwacu twariyumviye iryo jwi ryavuye mw’ijuru igihe twari kumwe na we kuri wa musozi wejejwe.


Rizoba ari irya gatatu ndabagendeye. Nk’uko Ivyanditswe bibivuga, “Urubanza rwose ruzocibwe habanje kwumvirizwa ivyabona bibiri canke bitatu.”


Ashitse mu nzu kwa Yayiro ntiyemera ko hagira umuntu n’umwe binjirana, kiretse Petero, Yohana, na Yakobo, hamwe na se na nyina b’uwo mwana.


Bari ngaho, akayanganira imbere yabo, mu maso hiwe hakaka nk’izuba, impuzu ziwe zica ibibatsi kandi zera derere kurya kw’umuco.


Hanyuma Yesu yicaye ku Musozi wa Elayono aharabana n’urusengero, Petero, Yakobo, Yohana na Andereya baramubaza biherereye bati:


Ntitwakurikiye imigani yashizweho n’ubwenge bw’abantu gusa igihe twababwira ivyo kuza mu bushobozi kw’Umwami wacu Yesu Kristo, ariko twebwe twari ivyabona, kuko twiboneye ubwiza bwiwe bw’akaburarugero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite