Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 16:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Yesu amenye ivyo bariko baravugana, arababaza ati: “Mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki muriko muvuga ko mudafise imikate?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Yesu arabimenya, arababaza, ati Yemwe ab’ukwizera guke, n’iki gitumye mwībūranya ngo nta mitsima mufise?

Gade chapit la Kopi




Matayo 16:8
9 Referans Kwoze  

Nimba Imana yambika gutyo ivyatsi vyo ku misozi, biriho uno musi ariko ejo bikazotererwa mu ziko, mbega ntizorushirizaho kubambika, yemwe ab’ukwizera guke!


Ubwo nyene, Yesu atuma ukuboko aramufata, amubwira ati: “Wa muntu w’ukwizera guke, ni kuki wakekeranije?”


Mu nyuma Yesu yiyereka bamwe cumi n’umwe bariko barasangira. Arabahambarira kubera ukutizera n’ugukomantaza imitima kuko banse kwemera ivyo babwiwe n’abamubonye amaze kuzuka.


Yesu arabishura ati: “Yemwe mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki mufise ubwoba?” Aca aravyuka, akankamira uwo muyaga n’imipfunda, haca haba agahwekere.


Nzokwica abana biwe bose. Aho ni ho amashengero yose azomenya ko ndi Imana isuzuma ivyanyegejwe mu mitima no mu vyiyumviro kandi ko nzoha umuntu wese impembo ikwiranye n’ivyo yakoze.


Nta kintu na kimwe mu vyaremwe kinyegejwe imbere y’Imana. Imbere yayo vyose vyambaye ubusa kandi biragaragara. Kandi twese izotubaza ivyo twakoze vyose.


Turatahuye ko uzi vyose, kandi ko bidakenewe ko umuntu akubaza ibibazo. Ivyo bitumye twizera ko waje uva ku Mana.”


Maze abigishwa bavugana hagati yabo bati: “Ivyo abivuze kubera tutazanye imikate.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite