Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 16:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 kandi iyo bukeye, muravuga muti: ‘Uno musi ikirere ntikiza kuba ciza kuko ijuru ryiraburaniwe.’ Murazi kugenzura ikirere mukurikije uko ijuru risa, ariko ntimuzi kugenzura ibimenyetso vy’ibihe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Mu mutwenzi, muravuga muti Hagira hafurungane, kukw ijuru ryirasiye, kandi ryiraburaniwe. Murazi kugenzura ijuru uko risa, arikw ibimenyetso vy’ibihe ntimuzi kubigenzura.

Gade chapit la Kopi




Matayo 16:3
11 Referans Kwoze  

Mwa ndyarya mwe, ko mushobora gutahura ibimenyetso vy’ibihe murabiye ku biba kw’isi no kw’ijuru, ni igiki kibabuza gutahura ivy’iki gihe?


Umwami Yesu aca arishura ati: “Mwa ndyarya mwe! Ni nde muri mwebwe atozitura inka canke indogoba yiwe mu ruhongore ku musi w’Isabato ngo ayijane kunywa amazi?


impumyi zirahumuka, ibimuga biragenda, abanyamibembe barahumanuka, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa ubutumwa bwiza.


Muzobona ibara kuko mumeze nk’imva zitaboneka, abantu bakazicako batabizi.”


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwugaye umuryango w’Ubwami bw’ijuru, ntimwinjira mwebwe ubwanyu, kandi n’abagomba kwinjira ntimwabakundira. [


Ariko kuko Yesu yari azi intumbero mbi bafise, ababwira ati: “Mwa ndyarya mwe, ni iki gituma muntega imitego?


Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze ukuri igihe yabavugishwako ati:


Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, hanyuma ubone gutosora akatsi kari mu jisho rya mugenzawe.


Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.


Ariko ivyokurya bikomeye ni ivy’abakuze, kuko kubera ivyo baciyemwo bashitse aho batandukanya ikibi n’iciza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite