Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 16:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ni kuki mudatahura ko ntariko ndababwira ivyerekeye imikate? Nababwiye nti: Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 N’iki kibabujije gutahura ko ntababgiye imitsima? Ariko mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo.

Gade chapit la Kopi




Matayo 16:11
10 Referans Kwoze  

Yesu arababwira ati: “Mube maso, mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo.”


Ni kuki mudatahura inyigisho zanje? Ni kubera mudashobora no kwumviriza amajambo yanje.


Mwa ndyarya mwe, ko mushobora gutahura ibimenyetso vy’ibihe murabiye ku biba kw’isi no kw’ijuru, ni igiki kibabuza gutahura ivy’iki gihe?


Maze arababaza ati: “N’ubu ntimuratahura?”


Aca abwira abigishwa biwe ati: “Ni kuki mufise ubwoba? Mbega n’ubu nta kwizera mugira?”


Ariko abonye ko Abafarisayo n’Abasadukayo benshi baje aho ari ngo ababatize, arababaza ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake bw’Imana bugiye kuza?


Abafarisayo n’Abasadukayo baza aho Yesu ari bazanywe no kumugeza, bamusaba ngo abereke ikimenyetso kivuye mw’ijuru cerekana ububasha bwiwe.


Maze babona gutahura ko atariko ababwira kwirinda umwambiro w’imikate, ariko ko bakwiye kwirinda inyigisho z’Abafarisayo n’Abasadukayo.


Bariko barajabuka arabagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’uwa Herode.”


Muri ako kanya nyene, abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko baragwirirana, gushika aho ata waronka aho ahonyora. Yesu aca atangura kubigisha ahereye ku bigishwa biwe, abagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ari bwo buryarya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite