Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 16:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Abafarisayo n’Abasadukayo baza aho Yesu ari bazanywe no kumugeza, bamusaba ngo abereke ikimenyetso kivuye mw’ijuru cerekana ububasha bwiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Abafarisayo n’Abasadukayo baraza, barondera kw abereka ikimenyetso kiva mw ijuru, bamugeza.

Gade chapit la Kopi




Matayo 16:1
33 Referans Kwoze  

Abandi na bo bagerageza gutega imitego Yesu mu kumusaba ikimenyetso kivuye mw’ijuru.


Abaherezi bari kumwe n’umukuru w’abarinzi b’urusengero hamwe n’Abasadukayo baca baraza aho Petero na Yohana bariko barigishiziza.


Yesu arababwira ati: “Mube maso, mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo.”


Abayuda bashaka kubona ibimenyetso, Abagiriki na bo bakarondera kubitahurisha ubwenge bwabo.


Babajije Yesu ico kibazo kugira ngo bamutege umutego, maze baronke aho bahera mu kumwagiriza. Ariko Yesu arunama atangura kwandikisha urutoke hasi.


Maze umuherezi mukuru n’abo bari bafadikanije, bari mu muce b’Abasadukayo, babagirira ishari.


Maze bamwe mu Basadukayo, ari bo batemera ivy’izuka ry’abapfuye, baza aho Yesu ari baramubaza bati:


Yesu abonye ubugunge buri muri bo, aca ababwira ati:


Umusi umwe, umwigisha w’ivyagezwe yavuye hasi kugira ngo atege Yesu umutego, aramubaza ati: “Mwigisha, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?”


Hanyuma Abasadukayo, basanzwe bavuga ko abapfuye batazozuka, baza aho ari baramubaza bati:


Dukwiye kuritanga canke ntidukwiye kuritanga?” Ariko kuko Yesu yari azi uburyarya bwabo, arabishura ati: “Ni kuki muriko mugerageza kuntega umutego? Nzanira igiceri c’idenariyo ico ndaba.”


Bamwe mu Bafarisayo baraza bagerageza kumutega umutego, baramubaza bati: “Mbega biremewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe?”


Umusi ukurikira, hari kw’Isabato, abakuru b’abaherezi hamwe n’Abafarisayo baja kwa Pilato,


“Abigisha b’ivyagezwe hamwe n’Abafarisayo bicaye mu kibanza ca Mose.


Uwo musi nyene, Abasadukayo, ari bo batemera ivy’izuka ry’abapfuye, baza aho ari, baramubaza bati:


Ariko kuko Yesu yari azi intumbero mbi bafise, ababwira ati: “Mwa ndyarya mwe, ni iki gituma muntega imitego?


Hanyuma Abafarisayo barakorana barondera ingene bomutegera ku majambo avuga.


Bamwe mu Bafarisayo baza aho ari bashaka kumutega umutego, bamubaza bati: “Mbega biremewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe bivuye ku mvo iyo ari yo yose?”


Hanyuma Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bava i Yerusalemu baja iyo Yesu ari, baramubaza bati:


Abafarisayo baca baragenda baja kugira inama barondera ingene bokwica Yesu.


Ariko Abafarisayo babibonye, babaza abigishwa biwe bati: “Ni kuki umwigisha wanyu asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha?”


Ndababwire ukuri, ukugororoka kwanyu niyo kutaruta ukw’abigisha b’Ivyanditswe n’ukw’Abafarisayo, ntimuzoruha mwinjira mu Bwami bw’ijuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite