Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 15:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Hanyuma Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bava i Yerusalemu baja iyo Yesu ari, baramubaza bati:

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maz’ Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe baza kuri Yesu bavuye i Yerusalemu, baramubaza,

Gade chapit la Kopi




Matayo 15:1
11 Referans Kwoze  

Maze urwamo ruba rwinshi, hanyuma bamwe mu bigisha b’Ivyagezwe b’Abafarisayo bava hasi bavuga bashize amanga bati: “Uwu muntu twebwe tubona ata caha kimwagira. Nta wubizi, yoba yavuganye n’impwemu canke n’umumarayika!”


Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe babaza abigishwa ba Yesu bamwidodombera bati: “Ni kuki mwicarana n’abatozakori n’abandi banyavyaha, mugasangira na bo?”


Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwiyumvira bati: “Mbega uwu ni nde ko yigize Imana! Ukwo ni ukuyituka. Imana yonyene ni yo ishobora guharira ivyaha.”


Umusi umwe Yesu yariko arigisha, kandi bamwe mu Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bari ngaho; bari baje bava mu bisagara bitandukanye vy’i Galilaya, i Yudaya n’i Yerusalemu; kandi ububasha bw’Umwami Imana bwo gukiza ingwara bwari kuri Yesu.


Abigisha b’ivyagezwe bari baje bava i Yerusalemu bavuga bati: “Akoreshwa n’ububasha bwa Beyelizebuli! Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”


“Abigisha b’ivyagezwe hamwe n’Abafarisayo bicaye mu kibanza ca Mose.


Ndababwire ukuri, ukugororoka kwanyu niyo kutaruta ukw’abigisha b’Ivyanditswe n’ukw’Abafarisayo, ntimuzoruha mwinjira mu Bwami bw’ijuru.


Iyi ni yo ntahe Yohana yashinze igihe abakuru b’Abayuda b’i Yerusalemu bamutumako abaherezi n’Abalewi ngo bamubaze uwo ari we.


Pawulo arengutse, Abayuda bari bamanutse bava i Yerusalemu baramukikuza, bamwagiriza ivyaha bihambaye badashobora kuronkera ivyemezo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite