Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 14:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Kuko Herode Antipa yari yarafashe Yohana, aramuboha, amuta mw’ibohero. Ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya uwo yari yararongoye, kandi yari asanzwe ari muka Filipo, uwo bavukana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kuko Herode yari yarafashe Yohana, akamuboha, akamushira mw ibohero kubga Herodiya, muka Filipo mwene se.

Gade chapit la Kopi




Matayo 14:3
18 Referans Kwoze  

Herode Antipa ubwiwe ni we yari yatanze itegeko ryo gufata Yohana, kumuboha no kumupfunga. Ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya, uwo yari yararongoye kandi yari asanzwe ari muka Filipo, uwo bavukana.


Yesu yumvise ko Yohana yashizwe mw’ibohero, aca aja i Galilaya.


Maze umukobwa wa Herodiya araza aratamba, anezereza cane Herode n’abatumire biwe. Umwami aca abwira uwo mukobwa ati: “Nsaba ico ushaka cose, ndakiguha.”


Ivyo vyatumye Herodiya amwanka urunuka, yipfuza kumwica. Ariko ntiyabishobora,


Yohana ari mw’ibohero, yumva ivyerekeye ibikorwa vya Kristo, hanyuma amutumako abigishwa biwe kumubaza bati:


Bamwe mu bari ngaho baca babwira Yesu inkuru y’abantu b’i Galilaya Pilato yishe akavanga amaraso yabo n’ay’ibimazi bariko baratanga.


Ku musi mukuru wo kwibuka ivuka rya Herode, umukobwa wa Herodiya araza atambira abatumire, maze ivyo binezereza Herode cane,


Muri iyo misi, Umwami Herode Antipa yumva inkuru za Yesu kuko yari yamaze kumenyekana cane. Bamwe bavuga bati: “Yohana Umubatizi yazutse, ni co gituma afise ubushobozi bwo gukora ibitangaza.”


Bariko barajabuka arabagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’uwa Herode.”


Mu mwaka ugira cumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma i Roma, Pontiyo Pilato yari icariho ciwe i Yudaya, Herode Antipa yari umuganwa atwara intara ya Galilaya, uwo bavukana Filipo yatwara intara za Ituraya na Tirakoniti, Lusaniya na we yatwara intara ya Abilene,


Yowana muka Kuza umunyabigega wa Herode, Suzana hamwe n’abandi benshi. Abo bagore bashigikira Yesu n’abigishwa biwe bakoresheje uburyo bwabo.


Ico gihe, bamwe mu Bafarisayo baca baza aho Yesu ari, bamubwira bati: “Va ngaha ugende, kuko Herode Antipa agomba kukwica.”


Yumvise ko Yesu atwarwa mu ntara ya Herode Antipa, aca aramumurungikira, kandi ico gihe Herode yari i Yerusalemu.


Herode n’abasoda biwe baca batangura kumushinyagurira no kumucokora. Baca bamwambika impuzu y’ubwami, baramurungika asubira kwa Pilato.


Ni ivy’ukuri Herode na Pontiyo Pilato bifatanije n’Abanyamahanga hamwe n’ubwoko bwa Isirayeli bwo muri iki gisagara, kugira ngo bagwanye umusavyi wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta.


Muri ico gihe, ni ho umwami Herode Agiripa yatangura gufata bamwe mu bo mw’isheshengero, atangura kubahama.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite