Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 13:41 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Umwana w’Umuntu azotuma abamarayika biwe, bakure abazana ibitsitaza hamwe n’abakora ibibi bose mu Bwami bwiwe;

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Umwana w’umuntu azotuma abamarayika biwe, na bo bazotororokanya ibitsitaza vyose n’abakoze ibizira, babikūre mu bgami bgiwe.

Gade chapit la Kopi




Matayo 13:41
18 Referans Kwoze  

Azotuma abamarayika biwe bavuze inzamba isamirane cane, hanyuma begeranye abatoranijwe biwe bose bo mw’isi, kuva aho ijuru ritangurira gushika aho riherera.


Nta kintu gihumanye na kimwe kizokwinjirayo, kandi nta wukora ibiterasoni canke umubeshi azogerayo. Hazojayo abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’intama gusa.


Isi iragowe kuko yuzuye ibituma abantu bacumura! Kandi ivyo ntibizokwigera bireka kubaho; ariko aragowe umuntu abizana!


Mbega abamarayika bose si impwemu zikorera Imana? Ntiyazitumye gukorera abazoragwa agakiza?


Nuko rero, ubu ni bwo Butumwa Bwiza mvuga: umusi uraje, aho Imana izocira imanza ivyo abantu bagize amabanga yabo, ibicishije kuri Yesu Kristo.


Uko ni ko bizogenda ku muhero w’isi. Abamarayika bazosobanura abanyakibi mu bagororotsi,


Azotuma abamarayika biwe bakoranye abatoranijwe na we babakuye ku mpera zine z’isi, kuva aho itangurira gushika aho amajuru aherera.


Yesu aramwishura ati: “Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo n’inyoni zo mu kirere zirafise ivyari, ariko Umwana w’Umuntu ntagira n’aho akika umusaya.”


Afise urutaro rwo kugosora mu minwe, azokubura ikibanza co gusekuriramwo. Ahejeje kugosora azokwegeraniriza ingano mu kigega umuguruka na wo awuturirire mu muriro utazokwigera uzima.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite