Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 13:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Maze abigisha vyinshi mu migani, avuga ati: “Umubivyi yagiye kubiba imbuto ziwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ababgira vyinshi mu migani, aravuga, at’ Umubivyi yasohoye imbuto.

Gade chapit la Kopi




Matayo 13:3
27 Referans Kwoze  

Nuko Yesu arababaza ati: “Mbega ntimutahura uwo mugani? None iyindi mwoyitahura gute?


Yesu yigisha abantu akoresheje imigani myinshi isa n’iyo, akurikije ivyo bashobora gutahura.


Yesu ahejeje kwigishiriza muri iyo migani, aca ava ngaho.


Nuko abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’ubwo bwoko barondera ingene bomufata kuko bari batahuye ko ari bo yariko aravuga muri uwo mugani. Ariko barabitinya kubera abantu, baca bamusiga aho baragenda.


Ibi ndabibabwiye mu migani, ariko igihe kiraje aho ntazosubira kubigishiriza mu migani, ariko nzobabwira ivya Data ndabitomoye.


Petero aramubaza ati: “Mwami, uwu mugani uwuciriye twebwe gusa, canke uwuciriye bose?”


Na we ababwira ati: “Ni mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’Imana. Ariko ku bandi nkoresha imigani kugira ngo, ‘naho boraba ntibabone, kandi naho bokwumviriza ntibatahure.’


Nuko Yesu atangura kubigisha akoresheje imigani. Arababwira ati: “Umuntu yateye imizabibu mw’itongo ryiwe, ararizitirira, yimba ikinogo co kuganiramwo imizabibu, yubaka n’umunara wo gucungererako urwo ruzabibu. Hanyuma azeza uwo murima abarimyi, afata urugendo rwa kure.


Yesu arabahamagara ababwira mu migani ati: “Mbega Satani yokwirukana Satani gute?


Nimwigire ku mugani w’igiti c’umusukoni: iyo amashami yaco atanguye kworoha, amababi agatangura gututuza, muca mumenya ko agatasi kari hafi.


Yesu yongera kuvugana na bo mu migani, ababwira ati:


Ariko arabiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, hanyuma inyoni ziraza zirazinobagura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite