Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 13:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Ariko kubera ko iryo jambo ritagira imizi miremire muri bo, bamara umwanya muto bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa bazira kwizera iryo Jambo ry’Imana, baca bata ukwizera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 ariko ntagira imizi muri we, ahagarara umwanya muto; iyo yadutsweko n’amarushwa bo n’akadenderezo azira iryo jambo, bica bimutsitaza.

Gade chapit la Kopi




Matayo 13:21
47 Referans Kwoze  

Harahiriwe uwudatsitazwa n’ivyanje!”


kugira ngo Kristo abe mu mitima yanyu biciye mu kumwizera. Kandi ndasenga kugira ngo mwebwe, mumaze gushingwa neza mu rukundo rwiwe,


Urazi ko abo muri Aziya bose bantaye, harimwo Figelusi na Heremogeni.


Sinkekeranya ko Imana yatanguje ico gikorwa ciza muri mwebwe izokibandanya gushika ikirangije, ku musi Kristo Yesu azogarukirako.


Ugukebwa canke ukudakebwa, nta na kimwe gifise ikimazi, igihambaye ni ukuba icaremwe gishasha.


Abagomba kwiyerekana ku bantu mu vy’umubiri, ni bo babagoberera gukebwa, kandi ikintu conyene gituma bakora ivyo ni ukwanka guhamwa bahorwa umusaraba wa Kristo.


Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.


Izoha ubugingo budashira abashishikara gukora ivyiza, bakagira umwete mu kurondera ubwiza, icubahiro no kudapfa bitangwa na yo.


Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, ntimuriko mundondera kubera mwatahuye ibitangaza mwabonye nkora, ahubwo mundondera kuko nabagaburiye imikate mugahaga.


Hari abandi bantu bameze nk’isi yo ku rutare. Abo na bo iyo bumvise ijambo ry’Imana, baryakirana umunezero, ariko kubera ritagira imizi muri bo, bizera akanya gato. Hagize ibibagerageza, baca bata ukwizera.


Ariko kubera iryo jambo ritagira imizi muri bo, bamara akanya gato bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa bazira kwizera iryo Jambo ry’Imana, baca bata ukwizera.


Petero aramwishura ati: “Naho abandi bose boguta bagahunga, jewe sinzokwigera ndaguta.”


Bariko baragenda Yesu arababwira ati: “Iri joro muraja kunta mwese mwigire. Kuko Ivyanditswe biravuga ngo: ‘Nzokubita umwungere, intama zo mu mukuku zisanzare.’


Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azorokoka.


Maze ivyiwe birabatsitaza, bituma batamwizera. Yesu arababwira ati: “Uwuvugishwa n’Imana arubahwa hose kiretse iwabo no mu muryango wiwe.”


Ariko izuba ryatse, za mbuto zariko ziramera zica ziruma kuko imizi yazo itashika kure.


Muzokwankwa n’abantu bose babampora. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokira.


Kandi biciye muri ukwo kwizera, murakingiwe n’ubushobozi bw’Imana, kugeza mushikiriye ako gakiza kateguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo.


kuko Dema yarantaye aja i Tesalonike, kuko yakunze ivy’iyi si. Kireseni yagiye i Galatiya, Tito na we yagiye i Dalumatiya.


Ndazi ko uba mu gisagara Satani afisemwo intebe y’inganji, ariko wumiye kw’izina ryanje. Ntiwamvuyeko no mu gihe ca Antipa, icabona canje c’ukwizigirwa, uwagandaguriwe muri mwebwe, mu gisagara ca Satani.


Imbuto zabibwe ku rutare zerekana ukuntu abantu bumva ijambo ry’Imana hanyuma bagaca baryakirana umunezero mu mitima yabo.


Nk’uko bisanzwe, twese dukora ibibi mu buryo bwinshi. Nihaba hariho umuntu adacumura mu kuvuga kwiwe, uwo ni umuntu atunganye, ashobora no kuzigama umubiri wiwe wose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite