16 Ariko harahiriwe amaso yanyu kuko abona, n’amatwi yanyu kuko yumva.
16 Arikw amaso yanyu arahiriwe, kukw abona, n’amatwi yanyu, kuko yumva.
Yesu aramwishura ati: “Uri umuhirwe, Simoni mwene Yona, kuko ivyo ntubihishuriwe n’umuntu buntu afise inyama n’amaraso gusa, ariko ni Data wo mw’ijuru abiguhishuriye.
Yesu aramubwira ati: “Wizeye kubera umbonye? Hahirwa abizera batarinze kubona.”
Imana yavuze iti: “Ahari umwijima nihabe umuco,” yatumye umuco wayo ukayangana mu mitima yacu kugira ngo turonke ugutahura ivy’ubwiza bw’Imana bukayanganira kuri Yesu Kristo.
kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’