Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 13:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Uwufise azokwongererezwa asesekarizwe, ariko uwa bike azokwakwa n’ivyo yari afise.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kuk’ ūfise azohabga, bikamucagatira; arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ asanzwe afise.

Gade chapit la Kopi




Matayo 13:12
17 Referans Kwoze  

Kuko uwufise azokwongererezwa asesekarizwe, ariko uwutagira ico afise azokwakwa n’ivyo yari afise.


Nuko rero mwiyubare ku vyo mwumva. Uwufise vyinshi azokwongererezwa, uwufise bike na we azokwakwa n’ivyo yibaza ko afise.”


Niwibuke aho wavuye ukagwa, maze wihane, usubire ukore ibikorwa wakora ubwa mbere. Niyo utihana, nzoza nkure igiterekwako itara cawe mu kibanza caco.


Ariko Aburahamu aramwishura ati: ‘Mwana wanje, ibuka ingene mu buzima bwawe kw’isi waronse ivyo wipfuza vyose, Lazaro na we aba mu magorwa menshi. Ubu ariko arahozwa, na we uri mu mibabaro.


Ndababwire, muzokwakwa Ubwami bw’Imana, buhabwe ayandi mahanga azokwama ivyamwa bikwiranye na bwo.


Umusi umwe aramuhamagara, amubaza ati: ‘Ivyo ndakwumvako ni ibiki? Harura ivyo nakujeje ubinsubize, kuko ntukibereye kuzezwa ubutunzi bwanje.’


Hari ikintu kimwe gusa gikenewe kuruta ibindi. Mariya yahisemwo ikintu ciza, kandi ntazocakwa.”


Umuntu wese azogira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje, Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera niyagaruka ari mu bwiza bwiwe, mu bwa Data no mu bw’abamarayika biwe bera.


None mwibaza ko nyene uruzabibu niyaza azobagira gute? Azoza yice abo barimyi, maze urwo ruzabibu aruzeze abandi.


Ariko uwutazi ivyo shebuja agomba, hanyuma agakora ibitari vyo, azohanwa buhoro. Uwahawe vyinshi azosabwa vyinshi, kandi ujwejwe vyinshi azobazwa vyinshi.


Ariko ubuntu iduha burarengeye. Ni co gituma Ivyanditswe bivuga ngo: “Imana igwanya abibona ariko ikagirira ubuntu abaciye bugufi.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite