16 ariko arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe avuga uwo ari we.
16 Arabihaniza ngo ntibagende baramwandagaza,
Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe mubwira ivyo mwabonye, kugeza Umwana w’Umuntu amaze kuzuka mu bapfuye.”
Maze amaso yabo aca arahumuka. Yesu arabihanikiriza ati: “Mwiyubare, ntihagire umuntu n’umwe abimenya.”
Hanyuma Yesu aca aramubwira ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse.”
Yesu ategeka abari aho kutabibwira umuntu n’umwe. Ariko uko yababuza ni ko barushiriza kubikwiragiza.
Ivyo vyabaye kugira ngo ivyo uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze bishike, aho yavuze ati:
Yesu n’abigishwa biwe bava aho hantu baja ku kiyaga c’i Galilaya, maze abantu benshi baramukurikira bavuye i Galilaya, i Yudaya,