Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 11:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 None mwagiye kuraba iki? Uwuvugishwa n’Imana? Egome cane, ndababwiye ko mwagiye kuraba uwuruta uwuvugishwa n’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ariko mwajanywe n’iki? Mbega kwar’ ukurāba umuntu avugishwa n’Imana? Ego me ni co; kandi ndababgire, Aruta ūvugishwa n’Imana cane.

Gade chapit la Kopi




Matayo 11:9
9 Referans Kwoze  

Kandi nawe, mwana wanje, uzokwitwa uwuvugishwa n’Iyisumbavyose, kuko uzokwitangira imbere Umwami Imana, ukamutegurira inzira.


Herode na we yama agomba kwica Yohana ariko agatinya abantu, kuko kuri bo Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.


Nimba atari uko, mwagiyeyo kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu z’igiciro kinini? Haba na mba! Abambara impuzu z’igiciro kinini bari mu birimba vy’abami.


Nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku bantu,’ abantu bose baradutera amabuye kuko baremera ata gukekeranya ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite