Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 11:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Nimba atari uko, mwagiyeyo kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu z’igiciro kinini? Haba na mba! Abambara impuzu z’igiciro kinini bari mu birimba vy’abami.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ariko mwagiye kurāba iki? Mbega n’umuntu yambaye impuzu ziremvye? Ereg’ abambaye impuzu ziremvye baba mu ngo z’abami.

Gade chapit la Kopi




Matayo 11:8
11 Referans Kwoze  

Yohana yambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya akayikenyeza umukanda w’urushato mu rukenyerero. Ivyokurya vyiwe vyari inzige n’ubuki bwo mw’ishamba.


Nanje nzoha ububasha ivyabona vyanje bibiri, na bo bazomara imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu, bavugishwa bambaye amagunira.”


Narakoze cane ndaruha, rimwe na rimwe nkarara maso. Narashonje ndanyoterwa, mfata ingendo ntagira imfungurwa, nicwa n’imbeho, ngenda gusa.


Gushika n’ubu turasonza kandi tukanyoterwa, ntitugira ico twambara, turakubitwa, kandi ntitugira aho tuba.


Abigishwa ba Yohana bamaze kugenda, Yesu atangura kubwira abantu ivyerekeye Yohana, ati: “Mbega mwagiye kuraba iki mu bugaragwa? Irenga rizungagizwa n’umuyaga?


None mwagiye kuraba iki? Uwuvugishwa n’Imana? Egome cane, ndababwiye ko mwagiye kuraba uwuruta uwuvugishwa n’Imana.


Canke mwari mugiye kuraba umuntu yambaye impuzu z’igiciro kinini? Haba na mba! Abambara impuzu z’agaciro n’abiyamira mu bikayangana baba mu birimba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite