Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 11:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Abigishwa ba Yohana bamaze kugenda, Yesu atangura kubwira abantu ivyerekeye Yohana, ati: “Mbega mwagiye kuraba iki mu bugaragwa? Irenga rizungagizwa n’umuyaga?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Abo bagiye, Yesu atangura kubgira ishengero ivya Yohana, ati Mwagiye mu bugaragwa kurāba iki? Mbega n’irenga rihungabanywa n’umuyaga?

Gade chapit la Kopi




Matayo 11:7
15 Referans Kwoze  

Ariko igihe asaba, abe yizeye adakekeranya, kuko umuntu akekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, uhuhwa kandi uzungagizwa n’umuyaga.


Yohana yari nk’itara ryaka rikabonesha, kandi mwamaze igihe munezererewe umuco wiwe.


Aho rero ni ho tutazosubira kumera nk’inzoya, ngo dukubebwe tujanwa hirya no hino n’imipfunda, twongera tuzungagizwa n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho z’ibinyoma n’amayeri vy’abantu bazimiza.


Nuko rero mwiyubare ku vyo mwumva. Uwufise vyinshi azokwongererezwa, uwufise bike na we azokwakwa n’ivyo yibaza ko afise.”


Mbega umubatizo wa Yohana wavuye he? Ku Mana yo mw’ijuru canke ku bantu?” Baravugana hagati yabo bati: “Nitwavuga tuti: ‘Wavuye mw’ijuru,’ ahava atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’


Abantu bava i Yerusalemu, i Yudaya no mu karere k’uruzi Yorodani, bakaja iyo ari.


Yesu ahindukiye, abona ko bamukurikiye. Arababaza ati: “Mwipfuza iki?” Baramwishura bati: “Rabi (bisigura ‘Mwigisha’), watse indaro he?”


Nimba atari uko, mwagiyeyo kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu z’igiciro kinini? Haba na mba! Abambara impuzu z’igiciro kinini bari mu birimba vy’abami.


Irenga rivunitse ntazorihohosha, kandi n’urumuri rwaka buhoro ntazoruzimya, kandi ivyo azobikora kugeza ubutungane busasagaye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite