Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 11:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 “Mbega woba uri umwe yategerezwa kuza, canke twitege uwundi?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 ati Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?

Gade chapit la Kopi




Matayo 11:3
38 Referans Kwoze  

Marita aramwishura ati: “Egome Mwami, ndizera ko uri Kristo, Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza mw’isi.”


Kuko, “Hasigaye igihe gito, uwugira aze azoza, kandi ntazoteba.”


Ariko benshi mu bari aho baramwizeye, bavuga bati: “None Kristo niyaza azokora ibitangaza birenze ivyo uwu ariko arakora?”


Abantu babonye igitangaza Yesu akoze baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu ni wa muvugishwa twari twiteze kw’isi.”


Azompesha icubahiro kuko azokwakira ivyanje akabibamenyesha.


Maze baca amashami y’ibigazi, baja kumusanganira basemerera bati: “Hozana!” “Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!” “Hahezagirwe Umwami wa Isirayeli.”


Yesu aramwishura ati: “Mupfasoni, nunyizere: igihe kiraje aho mutazorinda kuja gusengera Data kuri uwu musozi canke i Yerusalemu.


“Hahezagirwe umwami aje mw’izina ry’Uhoraho!” “Amahoro abe mw’ijuru, n’icubahiro hejuru mw’ijuru!”


Abari imbere ya Yesu n’abari inyuma yiwe bagenda barasemerera bavuga bati: “Hozana!” “Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!”


Maze abantu bariko bagendera imbere ya Yesu, bagenda barasemerera bati: “Hozana Mwana wa Dawidi!” “Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!” “Hozana hejuru mw’ijuru!”


“Mubwire umukobwa w’i Siyoni muti: Raba Umwami wawe arakugendeye, aciye bugufi, agendera ku ndogoba, mbere aje ku nyana yayo.”


Yesu arabishura ati: “Subira inyuma, mugende mubwire Yohana ivyo mwumvise n’ivyo mubonye:


Kuko uwo ni we Ivyanditswe bivugako ngo: ‘Ngira ndungike intumwa yanje imbere yawe igutegurire inzira.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite