4 Simoni Umuzelote, na Yuda Isikariyote umwe yamugurisha.
4 na Simoni Umunyakananayo, na Yuda Isikaryota, umwe yamugura.
Hanyuma Yuda Isikariyote, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, aragenda aja kurondera abakuru b’abaherezi,
Nuko ku mugoroba w’uwo musi, Yesu asangira n’abigishwa biwe, kandi Satani yari yamaze gushira muri Yuda, mwene Simoni Isikariyote, iciyumviro co kugurisha Yesu.
(Aho yariko avuga Yuda, mwene Simoni Isikariyote. Kuko naho yari umwe muri bamwe cumi na babiri, ni we yari agiye kumugurisha.)
Yesu akiriko aravuga, Yuda Isikariyote, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri arashika. Inyuma yiwe hari isinzi ry’abantu bitwaje inkota n’amahiri, barungitswe n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe n’abatware.
Yesu akiriko aravuga, Yuda umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, arashika. Inyuma yiwe hari isinzi ry’abantu bitwaje inkota n’amahiri, barungitswe n’abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda.
Yesu akiriko aravuga, haca haza isinzi ry’abantu, barongowe na Yuda, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri. Nuko yegera Yesu, aramusoma.
Nuko Satani yinjira muri Yuda Isikariyote, umwe muri bamwe cumi na babiri,
Hanyuma, Yuda Isikariyote, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, aragenda aja kuvugana n’abakuru b’abaherezi ingene yobashikiriza Yesu.
Yuda yamugurishije abonye ko baciriye Yesu urubanza rwo gupfa, aca aricuza, hanyuma afata vya biceri vy’ifeza mirongo itatu, abishira abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru,
kugira ngo abandanye iki gikorwa c’intumwa, ico Yuda yataye akaja ukwiwe.”
Bashitse, baca baja mu cumba co hejuru, ico bari bamazemwo imisi. Abo bari aba: Petero, Yohana, Yakobo, Andereya, Filipo, Toma, Baruteremi, Matayo, Yakobo mwene Alufayo, Simoni Umuzelote, na Yuda mwene Yakobo.
“Nk’uko musanzwe mubizi, Umusi Mukuru wa Pasika, ugiye kuba mu misi ibiri: Umwana w’Umuntu azofatwa atangwe kugira ngo abambwe.”
arababaza ati: “Hamwe nobaha Yesu mwompa angahe?” Baca bamuha ibiceri vy’ifeza mirongo itatu.
Ariko bamwe muri mwebwe ntibizera.” Kuko kuva mu ntago, Yesu yari azi abatizera n’uwuzomugurisha.