Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 10:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Umwigishwa akwiye kugera ku rugezo rw’umwigisha wiwe, kandi umukozi akwiye kugera ku rugezo rwa shebuja. Nimba umukuru w’inzu bamwise Beyelizebuli, mbega abo mu nzu yiwe ntibazorushiriza kubita gutyo!

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Umwigishwa biramubereye kumera nk’umwigisha wiwe, n’umushumba nka shebuja. Nyen’ urugo ko bamwise Beyezebuli, non’ abo mu rugo rwiwe ntibazorushiriza kubīta bartyo?

Gade chapit la Kopi




Matayo 10:25
13 Referans Kwoze  

Ariko bamwe muri bo bavuga bati: “Ni Beyelizebuli, umukuru w’abadayimoni amushoboza kwirukana abadayimoni.”


Ariko Abafarisayo bavyumvise baca bavuga bati: “Uwo nta kindi kimushoboza kwirukana abadayimoni atari Beyelizebuli, umukuru w’abadayimoni.”


Ariko Abafarisayo bo baravuga bati: “Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”


Abantu benshi baravuga bati: “Wewe uboshwe na dayimoni. Ni nde ashaka kukwica?”


Abigisha b’ivyagezwe bari baje bava i Yerusalemu bavuga bati: “Akoreshwa n’ububasha bwa Beyelizebuli! Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”


Abayuda baramwishura bati: “Ntitwihenze aho twavuga ko uri Umusamariya kandi ko uboshwe n’umudayimoni!”


Benshi muri bo bavuga bati: “Aboshwe n’umudayimoni kandi arasara. Ni kuki mumwumviriza?”


Abayuda bumvise ayo majambo baramubwira bati: “Ubu rero turatahuye neza ko uboshwe n’umudayimoni! Yaba Aburahamu canke abavugishwa n’Imana barapfuye, none wewe uvuze ngo: ‘Umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa!’


None nimba Beyelizebuli ari we anshoboza kwirukana abadayimoni, abigishwa banyu bo babishobozwa na nde? Ni co gituma ari bo bazobatsindisha.


Nimba Satani yigwanije, akicamwo ibice, none ubwami bwiwe bworama gute? Ibi ndabivuze kuko munyagiriza ko nirukana abadayimoni mu bushobozi bwa Beyelizebuli.


None nimba Beyelizebuli ari we anshoboza kwirukana abadayimoni, abigishwa banyu bo babishobozwa na nde? Ni co gituma ari bo bazobatsindisha.


Baramwishura bati: “Egome twobishobora.” Yesu arababwira ati: “Ni ivy’ukuri muzonywa ku gikombe c’umubabaro ngiye kunywerako kandi muzobatizwa umubatizo w’umubabaro ngiye kubatizwa,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite