Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Herode Antipa avyumvise arazazanirwa, kuko hariho abavuga ngo Yohana Umubatizi yazutse mu bapfuye,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Maz’ umwami Herode, yumvise ivyābaye vyose, arazazanirwa, kuko bamwe bāvuga, bati Yohana yazutse mu bapfuye;

Gade chapit la Kopi




Luka 9:7
13 Referans Kwoze  

Baramwishura bati: “Bamwe bavuga ngo uri Yohana Umubatizi, abandi ngo uri Eliya, ariko hari n’abavuga ko uri umwe mu bavugishwa n’Imana ba kera yazutse.”


Mu mwaka ugira cumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma i Roma, Pontiyo Pilato yari icariho ciwe i Yudaya, Herode Antipa yari umuganwa atwara intara ya Galilaya, uwo bavukana Filipo yatwara intara za Ituraya na Tirakoniti, Lusaniya na we yatwara intara ya Abilene,


Hazoba ibimenyetso ku zuba, ku kwezi no ku nyenyeri. Kw’isi na ho, amahanga azogira ubwoba abure uko agira, kubera ukubomborana kw’amazi yo mu biyaga hamwe n’imipfunda.


Yohana ari mw’ibohero, yumva ivyerekeye ibikorwa vya Kristo, hanyuma amutumako abigishwa biwe kumubaza bati:


Baramwishura bati: “Bamwe bavuga ko uri Yohana Umubatizi; abandi ngo uri Eliya; hariho n’abavuga ko uri umwe mu bavugishwa n’Imana.”


Ico gihe, bamwe mu Bafarisayo baca baza aho Yesu ari, bamubwira bati: “Va ngaha ugende, kuko Herode Antipa agomba kukwica.”


Yumvise ko Yesu atwarwa mu ntara ya Herode Antipa, aca aramumurungikira, kandi ico gihe Herode yari i Yerusalemu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite