Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:55 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

55 Yesu aca arahindukira, arabakankamira [ati: “Ntimuzi impwemu ibakoresha iyo ari yo! Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no guhonya abantu, ahubwo yazanywe no kubakiza.”]

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

55 Maz’ arahindukira, arabakankamira, at’ Erega ntimuzi umutima wanyu uk’ usa; kuk’ Umwana w’umuntu ataje guhonnya ubugingo bg’abantu, ariko yaje kubukiza.

Gade chapit la Kopi




Luka 9:55
24 Referans Kwoze  

Uwo nkunda ndamukankamira, nkanamuhana. None rero, gira umwete, wihane.


Ntimukihorane canke ngo mwishure uwubatutse. Ahubwo mubahezagire kuko ico ari co Imana yabahamagariye gukora ngo namwe muragwe umuhezagiro.


Umwe mu bari kumwe na Yesu aca asokora inkota, ayikubita umukozi w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi.


Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa. Kuko umutima urabikunze ariko umubiri ufise intege nke.”


Petero aramwishura ati: “Naho abandi bose boguta bagahunga, jewe sinzokwigera ndaguta.”


Yesu arahindukira abwira Petero ati: “Mva i ruhande, Satani, herera inyuma yanje! Uri igitsitaza kuri jewe; kuko ibikuraje ishinga si ivy’Imana, ariko ni ivy’abantu.”


Mu kanwa kamwe hakavamwo uguhimbaza n’ukuvumana. Bene Data, uko si ko vyari bikwiye kumera.


Ab’isi barihenda ku vy’icaha kuko banse kunyizera;


Abigishwa biwe Yohana na Yakobo babibonye, babaza Yesu bati: “Mwami, duhamagare umuriro ukoroke uvuye mw’ijuru ubatongore?”


Nuko baca baja mu yindi mihana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite