Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:51 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

51 Igihe ciwe co kuduzwa mw’ijuru cegereje, Yesu afata ingingo yo kuja i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

51 Maz’ imisi yiwe yo kudūzwa mw ijuru igira ishike, yerekeza i Yerusalemu amaramaje kujayo,

Gade chapit la Kopi




Luka 9:51
29 Referans Kwoze  

Umwami Yesu ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru, yicara mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana.


Hanyuma Yesu aca yihereranya bamwe cumi na babiri, arababwira ati: “Ehe tugira tuduge i Yerusalemu, aho Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana vyose ku Mwana w’Umuntu bizomushikirako.


Nuko Yesu aca mu bisagara no mu mihana yigisha, yerekeye i Yerusalemu.


Yesu ariko araja i Yerusalemu, aca ku rubibe rwa Samariya na Galilaya.


Ubu rero Yesu yarasubiye mw’ijuru. Yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi abamarayika, abanyabushobozi n’abanyabubasha bose bari musi y’ubushobozi bwiwe.


Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.


aho Yesu yabanje kwinjira ku bwacu, amaze kuba Umuherezi Mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bwa Melekisedeki.


Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.


yakoresheje igihe yazura Kristo ikamukura mu bapfuye, ikamwicarika mu kibanza c’iteka i buryo bwayo ahantu ho mw’ijuru,


Ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru bamuraba, haza igicu kiramufuka, ntibaba bakimubona.


gushika ku musi yurizwa mw’ijuru, ahejeje guha amategeko, mu bushobozi bwa Mpwemu Yera, intumwa yari yatoranije.


Jewe ngiye kuva mw’isi, nze aho uri, ariko bo baracari mw’isi. Data Wera, bazigamire mu bushobozi bw’izina ryawe, rimwe wampa, kugira ngo babe umwe nk’uko wewe nanje turi umwe.


Naje mva kwa Data nza mw’isi, none ngiye kuva mw’isi nsubire kwa Data.”


Ariko ubu ngiye gusubira ku wantumye, kandi nta n’umwe muri mwebwe ambajije iyo ngiye kuja.


Buca ari Umusi mukuru wa Pasika, Yesu yari azi ko igihe ciwe co kuva mw’isi ngo asubire kwa Se cashitse. Yari yarakunze abiwe bari mw’isi, kandi yarabakunze gushika ku mwanya wa nyuma.


None hamwe mwobona Umwana w’Umuntu aduga asubira iyo yaje ava, mwovuga iki?


Akiriko arabahezagira, aca abavamwo, aduzwa mw’ijuru.


Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aca arabandanya aduga i Yerusalemu.


Bakiriko baramwumviriza, Yesu arabandanya abacira umugani, kuko yari yegereje gushika i Yerusalemu, kandi ico gihe abantu bibaza ko Ubwami bw’Imana buca bushika ubwo nyene.


Hari umubatizo ntegerezwa kubatizwa, kandi mpagaritswe umutima na wo kugeza ndawubatijwe.


Ndabandanya kugira ngo nshike ku mpera y’umuhamagaro, hanyuma ndonke impera yo mw’ijuru, iyo Imana yaduhamagariye muri Kristo Yesu.


Bari mu nzira bagenda, umuntu umwe araza abarira Yesu ati: “Nditeguye kugukurikira aho uja hose.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite