Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:50 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

50 Yesu aramwishura ati: “Ntimukamubuze, kuko uwutabagwanya aba ari ku ruhande rwanyu.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

50 Yesu aramubgira, ati Ntimumubuze, kuk’ ūtar’ umwansi wanyu ari mu ruhande rwanyu.

Gade chapit la Kopi




Luka 9:50
12 Referans Kwoze  

Uwutari kumwe nanje wese arangwanya, kandi uwutariko aramfasha kwegeranya wese aba ariko arasanzaza.


Uwutari kumwe nanje wese arangwanya, kandi uwutariko aramfasha kwegeranya wese, aba ariko arasanzaza.


Ni co gituma ndababwira ko ata wuvugishwa na Mpwemu w’Imana yovuga ati: “Yesu ni ikivume,” kandi nta wovuga ati: “Yesu ni Umwami,” kiretse abivugishijwe na Mpwemu Yera.


Nta mukozi n’umwe yoshobora gushimisha abakoresha babiri: agerageje kunezereza umwe, yosanga yababaje uwundi; kandi agerageje kuba umwizigirwa kuri umwe, yosanga yahemukiye uwundi. Nta muntu ashobora gukoreshwa n’Imana ngo yongere akoreshwe n’amahera.”


Ndababwire ukuri, umuntu wese abahaye igikombe c’amazi mw’izina ryanje kuko muri aba Kristo, ntazobura kubihererwa impera.


Petero aramwishura ati: “Ni abandi bantu.” Yesu aramubwira ati: “Urumva rero ko abana batariha ikori.


Yesu n’abigishwa biwe bashitse i Kaperinawumu, abatoza ikori ry’urusengero rigizwe na darakuma zibiri baza aho Petero ari, bamubaza bati: “Mbega umwigisha wanyu ntatanga ikori ry’urusengero?”


Yohana abwira Yesu ati: “Mwigisha, twabonye umuntu yirukana abadayimoni mw’izina ryawe duca turamubuza kuko atari umwe muri twebwe.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite