Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Aho batazobakira, muzokunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kugira ngo bizobabere icagiriji.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Abazokwanka bose kubākīra, mukiva mur’ ico gisagara, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kibe ikimenyetso kibabere icabona.

Gade chapit la Kopi




Luka 9:5
13 Referans Kwoze  

Ariko abonye ko Abayuda bamuhaririza bakanamutuka, aca akunkumura impuzu ziwe, ababwira ati: “Amaraso yanyu azobe ku gatwe kanyu. Jewe kuri ivyo ndera. Uhereye ubu ngiye kwigisha Abanyamahanga.”


Pawulo na Barunaba na bo bakunkumura umukungugu wo mu birenge vyabo, baca baja muri Ikoniyo.


Nimwaja ahantu bakanka kubakira canke kubumviriza, muze mukunkumure umukungugu wo ku birenge vyanyu, muhave. Ico kizobabera ikimenyetso co kubagiriza.”


Uwubumvira ni jewe aba yumviye, kandi uwubanka ni jewe aba yanse. Uwunyanse na we aba yanse uwantumye.”


Arababarira ati: “Uwakira umwana muto nk’uwu mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye; kandi uwunyakiriye wese aba yakiriye uwantumye. Uwa nyuma muri mwebwe ni we mukuru muri mwese.”


“Umuntu wese yakira umwe muri aba bana bato mw’izina ryanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye wese ntaba yakiriye jewe gusa, ahubwo aba yakiriye uwantumye.”


Yesu aca aramwihaniza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga, kugira ngo bibabere ikimenyetso ko wahumanutse.”


Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo munshingire intahe imbere yabo n’imbere y’Abanyamahanga.


Aho bazobakira, muzogume muri iyo nzu nyene gushika muvuye muri ico gisagara.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite