Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:45 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

45 Ariko bo ntibatahura ico ababwiye. Insiguro y’ayo majambo yari ihishijwe, bituma batayimenya, kandi batinya no kugira ico babimubazako.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

45 Bayoberwa iryo jambo, kandi bararihishwa ngo ntibarimenye, batinya kurimubaza iry’ ari ryo.

Gade chapit la Kopi




Luka 9:45
15 Referans Kwoze  

Ariko abigishwa ntibigera batahura ikintu na kimwe muri ivyo ababwiye. Insiguro yavyo yari ihishijwe, bituma badatahura ico ashatse kubabwira.


Abigishwa ntibatahuye ubwo nyene ibiriko biraba. Ariko Yesu amaze kwinjira mu bwiza bwiwe, ni ho bibuka ko ivyo bamukoreye vyari vyaranditswe kuri we.


Ariko ntibatahura ico ababwiye.


Ariko ntibatahura ico ababwiye, kandi batinya no kugira ico babimubazako.


Toma aramubaza ati: “Mwami, ntituzi iyo ugiye kuja, none twomenya inzira ijayo gute?”


Ba bantu isinzi baramwishura bati: “Ivyagezwe bitubwira ko Kristo azokwamaho. None uvuze uti: ‘Umwana w’Umuntu azomanikwa hejuru’? Uwo ‘Mwana w’Umuntu’ ni nde?”


Nuko babigumya nk’ibanga, bibaza ico “ukuzuka mu bapfuye” bisigura.


Petero aramwihereranya, atangura kumwamira ati: “Mwami, ntibikabe! Ivyo ntibikakubeko!”


Maze haduka impari hagati mu bigishwa bashaka kumenya umukuru muri bo.


Umusi umwe, bakoraniye i Galilaya, Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu.


Abigishwa barabazanya bati: “Mbega hari uwoba yamuzaniye ivyokurya?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite