Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:31 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

31 bari mu bwiza bw’Imana, batangura kuganira na Yesu, bavugana ingene yari agiye kurangiza igikorwa ciwe mu gupfira i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 baboneka bafise ubgiza, bavuga ivyo kuzotāmbūra kwiwe, agira anonosorere i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi




Luka 9:31
14 Referans Kwoze  

Azofata umubiri wacu w’intege nke kandi upfa, awuhindure umubiri w’ubwiza usa n’uwiwe, muri bwa bushobozi afise bumushoboza gushira vyose musi y’inganji yiwe.


Kandi nzogira umwete kugira ngo ninamara kugenda muze mwame mwibuka ivyo.


Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe.


Nca ndamwishura nti: “Nyakwubahwa, ni we wobimenya.” Aca avuga ati: “Aba ni abavuye muri rya hamwa rikomeye, bamesuye amakanzu yabo, bayezesha amaraso ya wa Mwagazi.


Aho Kristo, we bugingo bwanyu azoserukira, namwe muzoserukana na we muri mu bwiza.


Natwe abakuweko ico gitambara, tugaragaza ubwiza bw’Umwami wacu, kandi tukaba turiko turahindurwa ngo duse na we, tuva mu bwiza tuja mu bundi, na bwo bukaba buva ku Mwami wacu, na we akaba ari we Mpwemu.


Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi.


Aca ababwira ati: “Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi, akankwa n’abatware, n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe. Kandi azokwicwa hanyuma azuke ku musi ugira gatatu.”


Ubwo nyene haboneka abantu babiri: Mose na Eliya,


Ukwizera ni kwo kwatumye Yosefu, igihe yagira apfe, avuga ko Abisirayeli bazova muri Egiputa, maze akababwira uko bari bakwiye kugenza amagufa yiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite