Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Akiriko arasenga, mu maso hiwe hahinduka ukundi, impuzu ziwe zirakayangana, zica ibibatsi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Arikw arasenga, ishusho yo mu maso hiwe ihinduka ukundi, imyambaro yiwe yera derere, irakayangana.

Gade chapit la Kopi




Luka 9:29
17 Referans Kwoze  

Bari ngaho, akayanganira imbere yabo, mu maso hiwe hakaka nk’izuba, impuzu ziwe zica ibibatsi kandi zera derere kurya kw’umuco.


Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka.


Abari bicaye mu nama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko bose bamwihweje, babona mu maso hiwe hasa n’ah’umumarayika.


Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


Inyuma y’aho Yesu arongera yiyereka, mu bundi buryo, babiri bo muri bo bariko baja mu gihugu hagati.


Mu gihe abantu bose bariko barabatizwa, Yesu na we yabatijwe hamwe na bo. Ariko arasenga, ijuru riruguruka,


Ariko Yesu yama aja ahantu hiherereye mu bugaragwa gusenga.


Umusi umwe Yesu aduga ku musozi, akesha ijoro ryose asenga Imana.


Umusi umwe Yesu yariko arasenga yiherereye, ari kumwe n’abigishwa biwe. Arababaza ati: “Mbega abantu bavuga ko ndi nde?”


Ubwo nyene haboneka abantu babiri: Mose na Eliya,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite