Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Umuntu wese azogira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje, Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera niyagaruka ari mu bwiza bwiwe, mu bwa Data no mu bw’abamarayika biwe bera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Kuk’ umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje, n’Umwana w’umuntu bizomutera isoni kumwemera, ah’ azozira afise ubgiza bgiwe n’ubga Se n’ubg’ abamarayika bera.

Gade chapit la Kopi




Luka 9:26
30 Referans Kwoze  

Nitwihangana, tuzoganzanya na we. Nitwamwihakana, na we azotwihakana.


Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni, kuko ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


Umuntu niyagira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje muri uru runganwe rw’abasambanyi n’abanyavyaha, n’Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera aho azozira mu bwiza bwa Se ari kumwe n’abamarayika bera.”


Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


Kuko Umwana w’Umuntu agiye kugaruka ari mu bwiza bwa Se, ari kumwe n’abamarayika biwe, hanyuma ahe impembo umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.


Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji.


kuko bakunda gushimwa n’abantu kurusha gushimwa n’Imana.


Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka.


Enoki, uwo mu runganwe rugira indwi inyuma ya Adamu, yavugishijwe kuri abo bantu ati: “Raba Uhoraho azananye n’ibihumbi n’ibihumbi vy’abamarayika bera,


Ni co gituma ndiko ndababazwa uku. Ariko singira isoni kuko ndazi uwo nizeye, kandi sinkekeranya ko ashoboye kuzigama ico namubikije gushika ku musi w’ukugaruka kwiwe.


Uwuzonesha nzomwambika imyambaro yera. Sinzokwigera mpanagura izina ryiwe mu gitabu c’ubugingo, ahubwo nzorivuga imbere ya Data n’abamarayika biwe.


“Ehe azananye n’ibicu,” kandi “amaso yose azomubona; n’abamucimise bazomubona,” kandi isi yose “izoboroga ku bwiwe.” Nibibe gutyo, Amen.


Ariko jewe sinkagire ikindi nishimira atari umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo. Ku bw’uwo, kuri jewe isi irabambwe, kandi nanje kuri yo ndabambwe.


Yesu aramwishura ati: “Uko uvuze ni ko biri. Kandi muri kazoza, muzobona Umwana w’Umuntu yicaye mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana y’ububasha, kandi aza ari ku bicu vyo kw’ijuru.”


Nuko rero muze tuje iyo ari inyuma y’aho ducumbitse, twikoreye ibimaramare vyiwe,


Yiyumvira ko ari ivy’igiciro kubabazwa ku bwa Kristo kurusha kugira ubutunzi bwo muri Egiputa, kuko yari ahanze amaso impera yiwe muri kazoza.


Ni co gituma, ku bwa Kristo, nezerererwa intege nke, ibitutsi, imiruho, uguhamwa, n’ingorane. Kuko iyo ndi umunyantege nke ari ho mba umunyenkomezi.


Mbega mwokwizera gute kandi murondera gushimana hagati yanyu, aho kurondera gushimwa n’Imana imwe rudende?


Ba bantu barishura bati: “Turungitswe na Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana. Ni umugororotsi yubaha Imana, ashingirwa intahe n’ubwoko bw’Abayuda bwose. Umumarayika yamubwiye ngo agutumeko iwe kugira ngo yumve ivyo uri bumubwire.”


Ndakwingingiye mu nyonga z’Imana na Kristo Yesu n’imbere y’abamarayika batoranijwe ngo ukurikize ivyo nakubwiye vyose udacishije i ruhande, kandi ntuze wigere ugira aka mwana wa mama.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite