Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Baramwishura bati: “Bamwe bavuga ngo uri Yohana Umubatizi, abandi ngo uri Eliya, ariko hari n’abavuga ko uri umwe mu bavugishwa n’Imana ba kera yazutse.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Baramwishura, bati Bagira ng’ uri Yohana Umubatizi; abandi ng’ uri Eliya; abandi ng’ ur’ umwe mu bāvugishwa n’Imana ba kera yazutse.

Gade chapit la Kopi




Luka 9:19
12 Referans Kwoze  

Na bo baramubaza bati: “None uri nde? Woba uri Eliya?” Na we ati: “Sindi we.” Na bo bati: “Woba uri wa muvugishwa n’Imana?” Arabishura ati: “Oya.”


Abandi bavuga bati: “Ni Eliya.” Hariho n’abandi babavuga bati: “Ni uwuvugishwa n’Imana, asa n’umwe mu bavugishwa n’Imana ba kera.”


aca abwira abagendanyi biwe ati: “Uwo ni Yohana Umubatizi yazutse mu bapfuye! Ni co gituma afise ubushobozi bwo gukora ibitangaza.”


Nuko basubira kubaza umwe yahoze ari impumyi bati: “None wewe wibaza iki kuri uwo muntu yagukijije ubuhumyi?” Wa muntu arabishura ati: “Ni uwuvugishwa n’Imana.”


Bumvise ayo majambo, bamwe mu bantu bari aho baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu muntu ni uwuvugishwa n’Imana!”


Nuko baramubaza bati: “None nimba utari Kristo, ntube Eliya, canke uwuvugishwa n’Imana, ni kuki ubatiza?”


Haciye igihe haza Yohana Umubatizi, yigishiriza mu bugaragwa bw’i Yudaya,


Muri iyo misi, Umwami Herode Antipa yumva inkuru za Yesu kuko yari yamaze kumenyekana cane. Bamwe bavuga bati: “Yohana Umubatizi yazutse, ni co gituma afise ubushobozi bwo gukora ibitangaza.”


Umusi umwe Yesu yariko arasenga yiherereye, ari kumwe n’abigishwa biwe. Arababaza ati: “Mbega abantu bavuga ko ndi nde?”


Aca arababaza ati: “None mweho muvuga ko ndi nde?” Petero aramwishura ati: “Uri Kristo yaje ava ku Mana.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite