Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 ariko abantu barabimenya, baca baramukurikira. Yesu arabakira, aca atangura kubabwira ivy’Ubwami bw’Imana, akiza n’abari bagwaye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Maz’ ishengero ribimenye riramukurikira: arabākīra, ababgira ivy’ ubgami bg’Imana, kand’ abāgomba kuvūrwa arabakiza.

Gade chapit la Kopi




Luka 9:11
21 Referans Kwoze  

Nuko muze twegere intebe y’Imana y’ubuntu dushize amanga, kugira ngo twakire imbabazi, turonke n’ubuntu vyo kudufasha mu gihe gikwiye.


wigishe Ijambo ry’Imana. Wame witeguye mu gihe kibereye n’ikitabereye; wemeze abantu ukuri, uhambarire abari mu bibi, wongere ubaremeshe mu kwihangana kwinshi no mu kwigisha neza.


Na Kristo ubwiwe ntiyabayeho arondera kwinezereza. Ahubwo, Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Ibitutsi abantu bagututse, vyose vyashikiye kuri jewe.”


None abantu bokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bomwizera bate batarumva ivyiwe? Canke bokwumva ivyiwe bate ata wubibabwiye?


Yama yigisha ivy’Ubwami bw’Imana n’ivya Yesu Kristo, ashize amanga rwose kandi ata ntambamyi.


Ariko abo Data yampaye bose, bazoza aho ndi kandi sinzokwigera ndabirukana.


Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


aca abarungika kwigisha ivy’Ubwami bw’Imana no gukiza abarwaye.


Na we ababwira ati: “Ni mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’Imana. Ariko ku bandi nkoresha imigani kugira ngo, ‘naho boraba ntibabone, kandi naho bokwumviriza ntibatahure.’


Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu bisagara no mu mihana, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami bw’Imana. Bamwe cumi na babiri bari kumwe na we,


Yesu arabishura ati: “Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukeneye.


Yahagije ivyiza abashonje, yirukana abatunzi bagenda imbokoboko.


Ndababwire, muzokwakwa Ubwami bw’Imana, buhabwe ayandi mahanga azokwama ivyamwa bikwiranye na bwo.


Mbega muri abo babiri, ni nde yakoze ivyo se yagomba?” Baramwishura bati: “Uwa mbere.” Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, abatozakori biba n’abamaraya barabatanze kwinjira mu Bwami bw’Imana.


Yesu amaze kuva mu bwato abona abantu isinzi, bamutera ikigongwe, aca abakiriza abarwaye.


Mu vy’ukuri ukwizera kuzanwa no kwumva Ubutumwa Bwiza, ari ryo jambo rya Kristo.


Yesu abimenye aca ava ngaho, maze abantu benshi baramukurikira hanyuma akiza abarwaye bose bari muri bo,


Intumwa zigarutse ziganira Yesu ivyo zakoze. Yesu aca ajana na zo baja ahiherereye, aharabana n’igisagara citwa Betesayida,


Bugorovye, bamwe cumi na babiri baza aho Yesu ari bamubwira bati: “Erega rungika aba bantu baje mu bisagara no mu mihana kurondera ivyokurya n’indaro, kuko turi mu gahinga.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite