Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Umusi umwe Yesu yakoranije bamwe cumi na babiri, abaha ububasha bwo kwirukana abadayimoni no gukiza ingwara,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Akoranya bamwe cumi na babiri, abaha ubushobozi n’ububasha ku badayimoni bose no gukiza indwara.

Gade chapit la Kopi




Luka 9:1
15 Referans Kwoze  

Ndababwire ukuri, uwunyizera wese azokora ibikorwa nk’ivyo nakoze, mbere azokora n’ibibiruta, kuko jewe ngiye kuja kwa Data.


Ehe ndabahaye ububasha bwose bwo kunesha umwansi: muzohonyora inzoka na sikoropiyo muzimene imitwe, kandi nta na kimwe kizogira ico kibagira.


Gorora ukuboko kwawe maze ukize, ukore ibitangaza n’utwumiza mw’izina ry’umusavyi wawe yera Yesu.”


Nzoguha impfunguruzo z’Ubwami bw’ijuru; ico uzoboha cose kw’isi, kizoba kiboshwe no mw’ijuru, kandi ico uzobohora kw’isi cose, kizoba kibohowe no mw’ijuru.”


Ariko muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi.”


Petero aramubwira ati: “Ayineya, Yesu Kristo aragukijije. Haguruka wizingire ikirago cawe.” Ubwo nyene Ayineya aca arahaguruka.


Biciye mu kwizera izina rya Yesu, uwu muntu yakize. Ni izina rya Yesu n’ukwizera kuva kuri we vyamukijije neza nk’uko muvyibonera mwese.


Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.


Kuko nanje, ndafise abantegeka, kandi mfise n’abasoda ntegeka. Iyo mbwiye umwe nti: ‘Genda,’ aca agenda; nabwira uwundi nti: ‘Ngwino,’ agaca aza; kandi iyo mbwiye umukozi wanje nti: ‘Kora iki,’ aca agikora.”


Ivyo biheze, Umwami Yesu aca arungika abandi mirongo irindwi na babiri, abarungika ari babiri babiri, ngo babe baramwitangira imbere mu bisagara n’ahandi hantu hose yari yimirije kuja.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite