Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:50 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

50 Yesu avyumvise aca abarira Yayiro ati: “Ntutinye, ariko wizere, araja gukira.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

50 Maze Yesu avyumvise aramubgira, ati Ntutinye, wizere gusa, arakira.

Gade chapit la Kopi




Luka 8:50
10 Referans Kwoze  

Yesu aramubwira ati: “Sinakubwiye ko niwizera uja kubona ubwiza bw’Imana?”


Yesu aramubwira ati: “Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Uwunyizera wese, naho yopfa, azobaho.


Yesu yumvise ivyo bavuze, aca abwira Yayiro ati: “Ntutinye, wizere gusa.”


Yesu aramubwira ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Igire amahoro.”


Ivyo ni vyo Ivyanditswe Vyera vyavuga igihe Imana yavuga ngo: “Nakugize sekuruza w’amahanga menshi.” Ivyo rero vyabaye kuko Aburahamu yizeye Imana ishobora kuzura n’uwapfuye, ikarema n’ibintu bishasha ibikuye mu busa.


Yesu aravuga ati: “Uvuze uti: ‘Nimba noshobora kugira ico nkoze?’ Vyose bishobokera uwizera.”


Aburahamu ntiyigeze anyiganyiga mu kwizera isezerano ry’Imana, ahubwo ukwizera kwiwe kwagumye gukomera, kandi ivyo vyahesheje Imana icubahiro.


Ashitse mu nzu kwa Yayiro ntiyemera ko hagira umuntu n’umwe binjirana, kiretse Petero, Yohana, na Yakobo, hamwe na se na nyina b’uwo mwana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite